Abaregwa kumena amabanga ya Vatican mu rubanza

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Inzandiko zivuga kuri ruswa zishira mu majwi abategetsi begereye Papa

Izandiko zibwe zagaragaza ibibazo vya ruswa no gukoresha nabi ubutunzi, kuri mu bafasha ba Papa.

Urwo rubanza rwari rumaze amezi atatu rwarahagaritswe. Abahinga mw'ikoresha rya mudasobwa, baratoye ubutumwa buzerekeye bwahanahanywe hifashishijwe ubuhinga ngurukanabumenyi.

Abanyamakuru babiri b'aba Taliyano, bakoresheje izo nzandiko mu bitabo basohoye, bari imbere y'ubutungane.

Abo banyamakuru bari kumwe n'abandi batatu bo mu butegetsi bwa Vatican, bagirizwa ko aribo boba barazibahaye.

Aba cardinal babiri kimwe n'umusenyeri mukuru, vyitezwe ko baja kurenguka nk'ivyabona.