Indege ya UAE yaburewe irengero muri Yemen

uae Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igihugu ca UAE kimaze hafi umwaka kigira ibitero muri Yemen

Igihugu ca Emira Arabes Unie kivuga ko imwe mu ndege z’ico gihugu y’intambara yari yagiye mu butumwa bwo kugwanya abagwanyi ba Houthi mu gihugu ca Yemen yaburiwe irengero.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’ico gihugu, WAM, ryamenyesheje iryo bura ry’indege, ata zindi nsiguro ritanze.

Urunani rw’ibihugu birongowe na UAE, ni bamwe mu bagira ibitero vy’indege muri Yemen, kuva mu 2015, mu gufata mu mugongo prezida Abedraboo Mansour Hadi.

Abantu bashika 6,000 baramaze kuburira ubuzima muri iyo ntambara.

N’ubwa mbere hamenyekanye ko indege yaburiye mu ntambara yo muri Yemen.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri, indege ya Bahrain F-16 yaragiriye isanganya isanganya muri Arabie Saudite bivuye ku ngorane z’ivyuma, mu gihe mu kwezi kwa gatanu, indege yo muri Maroc yakorokeye muri Yemen.

Izo ndege zose kwari zibiri zaragize ibitero muri Yemen, vyitiriwe “Operation Decisive Storm”

Ibindi bisa n’ibi