Umusi mukuru mpuzamakungu w’abapfasoni mw’ibohero

burundi
Image caption Mu Burundi, igitigiri c'abapfasoni bapfunzwe ni 384

Ubushikiranganji bw'ubutungane bufashanije n'ibiro vya onu bijejwe agateka ka zina bariko barahimbariza hamwe umunsi wahariwe abapfasoni n'abapfungiwe mw'ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura.

Abapfasoni bapfungiwe muri iryo bohero bashika 133, muri bo hakaba harimwo abafise abana 23, abavyeyi bonsa bakaba ari 20, nk’uko umumenyeshamakuru wa BBC Gahuzamiryango, Prime Ndikumagenge , ari aho mu Mpimba abivuga.

Mu bisanzwe, ikibanza gipfungiwemwo abapfasoni cari categuriwe abantu 80.

Vyitezwe ko umushikiranganji w’ubutungane atanga icegeranyo mfatakibanza c’ingene abapfasoni bapfunzwe mu Burundi.

Image caption Hari n'imigwi y'abaririmvyi yari yaje kubafasha guhimbaza uwo musi

Hari n’imigwi y’abaririmvyi yaje gufasha mu kuremesha ivyo birori, uturirimbo tw’abapfasoni nka “No woman no cry” ya Bob Marley twariko turasamirana.

Aba bapfasoni na bo nyene ntibasigaye inyuma, kuko bari bateguye intambo n’imvyino bitandukanye.

Mu Burundi, igitigiri c’abagore bapfunze bakaba bashika ku 384.

Gukorora inda no kuniga abana ni vyo vyaha vya mbere bituma abapfasoni bapfungwa mu Burundi (35,8%).

Ibindi bisa n’ibi