Ubutaliyano mw'itohoza ku bakinyi ba tennis

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Umushikirizamanza wo mu Butaliyano yabwiye BBC ko hari abakinyi ba tennis barenga 20 bakwiye gukorwako itohoza.

Impamvu abo bakinyi bakwiye gukorwako iperereza ngo ni kubera amazina yabo yagaragaye mu bimenyetso vyafatanywe abakina akamari baregwa gukoresha amanyanga mu mikino kugirango igende uko bateganije.

Urutonde rwa Roberto Di Martino, bivugwa ko rurimwo abakinyi babiri bari muri 20 ba mbere kw'isi muri urwo rukino rwa tennis.

Umukuru w'umurwi ujejwe inyifato nziza mw'ishirahamwe ry'umukino wa tennis, Nigel Willerton, avuga ibimenyetso bishasha vyoboneka bishobora gusuzumwa n'umurwi uhasanzwe.

Itohoza rishasha ryigenga kuri iki kibazo c'amariganya mu mukino wa tennis vyakozwe inyuma y'amakuru yavuga ko abategetsi muri uwo mukino birengagije kugira ico bakoze inyuma yo kuburirwa kenshi ko abakinyi bagera kuri 16 bo mu rwego rwo hejuru boba baragize uruhara mu manyanga yabaye mu mikino itandukanye.

Ibindi bisa n’ibi