Ubuzima buzimvye muri Kenya: 'Nta bushobozi bwo gusumira umuceri abana'

Florence Kambua
Insiguro y'isanamu,

Florence Kambua (i bubamfu) ariko ararondera mu mwavu ikintu ico ari co cose yoshobora kugurisha

Umumenyeshamakuru wa BBC i Nairobi avuga ko imwe mu miryango muri Kenya, irya rimwe gusa ku musi, canke ntirye na rimwe kubera ibiciro vy'ibifungurwa vyaduze cane.

Kare mu gitondo, nasanze Florence Kambua ariko arasura umwavu imbere y'inzu yiwe arondera plastike, ibirahuri, impuzu - ikintu ico ari co cose yoshobora kugurisha ku mugwa mukuru i Nairobi.

Uwo mugore w'imyaka 40 yambaye umupira wirabura hamwe n'ibirato bigera mu mavi vya plastike. Akazi kiwe si ako abantu b'amasoni. Ni n'akazi katoroshe. Indya ziboze n'imishambara birimwo umwanda w'abana agenda arahonyanga mu gace ka Mukuru Kwa Njenga kabamwo abantu bakenye cane.

Kambua yambwiye ati: "Rimwe na rimwe uragwara gucibwamwo, rimwe na rimwe ukagwara igitigu, kuko ata kundi uri bugire."

Uwo muvyeyi w'abana batandatu yaciye mu buzima bugoye cane. Yabanje kwimukira i Nairobi, mu gisagara ca mbere kinini co mu buseruko bwa Afrika, haraciye imyaka 19, yizeye kuronka ubuzima bwiza.

Ico gihe yaratakaje akazi, uwo bavyaranye aca aramuta, akabanza gato yari yarubatse adandarizako imfungurwa karasamburwa kugira bahacishe ibarabara rinini ryariko rirubakwa rica mu gisagara hagati.

Ubu rero ivyo akora, ni vyo vyonyene bishoboka kugira ashobore kuronka ivyo bafungura.

Aronka amashilingi ya Kenya 100 ku musi (0.85$) .

Avuga ko akoresheje ayo mahera make aronka ku musi, yashobora kugaburira umuryango wiwe incuro zibiri ku musi imbere y'uko ibiciro biduga.

"Abana banje barakunda umuceri, narashobora kugenda njanye amashilingi 50 kw'isoko nkagura inusu nkabatekera. Ubu ariko ntibikunda."

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abaharanira agateka ka zina muntu barahamagariye reta gukora ibishoboka mu kugabaniriza ingorane abanyagihugu

Ubu Kambua yaciye ahindurira kw'ifu y'ibigori, bacumbamwo umutsima ushobora kuguhaza ariko na yo nyene yaraduze igiciro.

Ubu rero agaburira umuryango wiwe rimwe ku musi, rimwe na rimwe bakabwirigwa. "Nahora ngura ifu izimbutse ku mashilingi 85 ku kilo. Ubu, igurwa 150. Iyo ntashoboye kuronka amahera, duca tuburara."

Inyuma y'indwi nke kuva tubonanye, habaye izindi nkuru mbi kuri Kambua, ibiro nka bibiri vy'ifu y'ibigori ubu biteye ku mashilingi arenga 200, n'ukuvuga ko ikiguzi ciyongereye ku bice 25%.

Ibiharuro vya vuba vy'ibiro vya Kenya bijejwe kugereranya (Statistique) vyerekana ibiciro vy'ibifungurwa vyaduze incuro zibiri mu mwaka aho mu kwezi kwa gatanu mu 2022 vyari biteye ku bice 12,4% vyiyongereye ugereranije no mu kwezi kwa gatanu mu 2021.

Ibigori birimwa muri Kenya bikanagurwa biva no mu bindi bihugu bibanyi, biribwa mu ngo nyinshi.

Ni co kiribwa kizimbutse mu bihe bitoroshe, ariko Kennedy Nyagah, arongoye ishirahamwe United Grain Millers, avuga ko ubu ari mu bukene bw'ibigori.

Yongeyeko ati: "Nobishira kw'ibura ry'umwimbu ryavuye ku mvura nke hamwe n'ibindi bintu bijanye n'ibiciro vy'umwavu."

Aho Kambua adandariza, urudandaza ruri hasi cane. Incuro zibiri nagiyeyo, ntivyari vyoroshe kubona umuntu agura igitunguru canke itomati kuko vyaduze igiciro gose.

Umudandaza Elijah Machuki Nyabutohe, ariko anyereka mu mutonga, yambwiye ati: "Mu misi iheze, itomati ubona turiko turagurisha ngaha amashilingi 10, twayigurisha 5.

"Ni co gituma atabagura. Baratinya kuko baguze itomati nyinshi ntibashobora gusigarana ayo kugura ifu kandi bashobora kuca baburara."

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Mukuru Kwa Njenga ni kimwe mu bigwati binini muri Afrika bibamwo abantu bakenye cane

N'aho ari kure cane na Ukraine, arazi neza ingaruka z'intambara iberayo n'ingene yatumye ibiciro vy'ibitoro n'umwavu biduga.

Nyabutohe yambwiye ati: "Abarimyi bategerezwa gukoresha amahera menshi mu kugura umwavu wo gushira mw'itomati. Benshi barahevye kuzirima kubera igiciro gihanitse c'umwavu hamwe n'imbuto."

Ku metero nk'ijana uvuye kuri ako gasoko haba Catherine Kanini - nta kazi afise kuva akabare yahora akoramwo gasambuwe kugira hagurwe ibarabara.

Uwo mugore w'imyaka 30 ntashobora kuronka amahera yo gupanga inzu, yaciye yiyubakira inzu akoresheje ibibaho, plastike n'imisegetera.

Yari yaje ava mu karere ka Kitui mu buseruko bwa Kenya kandi co kimwe n'abandi bantu bafise amikoro make mu bisagara, yarikoze ku ncuti zasigaye muhira igihe ibiciro biduze.

Nyina wiwe yaramurungikira indya, ariko kubera uruzuba rwatse, ntibigikunda.

Kanini yambwiye ati: "Ubu uruzuba rwarateye mu misozi iyo mvuka. Nta mvura igwa. Iguye ni ho haboneka imfungurwa ari na ho mawe ashobora kundungikira indya.

"Ubu yiteze ko ari twebwe tumurungikira. Afise icizere kuri twebwe, mu gihe natwe dufise ibibazo."

Insiguro y'isanamu,

Catherine Kanini (hagati) yubatse ihema yo kubamwo inyuma y'aho inzu yiwe ibomorewe

Ukwiyongera kw'ubuzima buzimvye bishitse mu gihe Kenya yimirije kuja mu matora rusangi itariki 9 z'ukwezi kw'umunani. Ico kibazo kiza mu biri imbere mu myiyamamazo y'abakandida babiri baza imbere bashaka gusubirira Uhuru Kenyatta.

Icegera ca prezida William Ruto ari kuva hasi uja hejuru mu gutorera inyishu ikibazo c'ubutunzi mu gihe uwumaze imyaka myinshi atavuga rumwe na reta, Raila Odinga, yemeye guha amahera imiryango ikenye.

Kanini arafise impanuro abaha.

"Nobahanura kwugurura amahinguriro hanyuma bakaduha akazi. Bategerezwa kugabanya ibiciro vy'ibintu vya nkenerwa badugije ibiciro vyavyo, kugira mu gihe ushoboye kuronka amahera make, ushobore kuronka ico ufungura."

Umuhinga wo mw'ishirahamwe International Crisis Group, Meron Elias, aragabisha ko ubuzima buzimvye bushobora gutera umutekano muke, na cane cane muri iki gihe abahanganye babangabanganywe.

"N'aho ibizova mu matora atawubizi - ikaba ari ikintu ciza kuri demokrasi ya Kenya - turatinya ko hashobora kuba agashavu gafatiye ku biciro vy'ibifungurwa bihanitse hanyuma iduga ry'ibiciro muri rusangi rishobora gutuma abanye politike biborohera kugomorera abanyagihugu bashavuye mu mabarabara.

"Hari kandi n'ubwoba ko urwaruka rutagira akazi rushobora guhabwa akazi n'imigwi y'inkozi z'ikibi kugira batere akajagari mu gihe c'amatora."