Sierra Leone: Abajejwe umupira w'amaguru baratohoza ku gutsindwa 95-0 na 91-1

Abafana ba Sierre Leone

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abafana ba Sierre Leone baravye inkino z'ikipe nserukiragihugu y'abagabo muri CAN mu ntango z'umwaka

Ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru muri Sierra Leone (SLFA) ririko riratohoza ukuntu vyagenze ngo inkino zibiri zivemwo ibitsindo 187.

Muri izo nkino zibiri zo mu ciciro ca kabiri, Kahunla Rangers, ikipe y’i Kenema, na Gulf FC y’i Kono, zatsinze bimwe vy’ikirenga bakeba bazo mu nkino zo guhiganirwa kuja mu ciciro ca mbere kuwa Mungu.

Kahunla yirengeje Lumbebu United mu kuyitsinda 95-0, nayo Gulf FC inyagira Koquima Lebanon 91-1, ziba inkino zibiri zinjijwemwo vyinshi mu mateka ya Sierra Leone.

Ariko ibitsindo nyuma y’igice ca mbere vyari 2-0 na 7-1 nk’uko zikurikirana, ivyavuye muri izo nkino zose bikaba vyagizwe ubusa mu gihe bikekwa ko hoba harabayemwo amanyanga.

Thomas Daddy Brima, umukuru w’ishirahamwe SLFA yabwiye BBC ati: "Ntidushobora kurera amaboko ngo tureke ibintu vy’ibiterasoni nk’ibi ngo vyijane atawuhanywe.

“Tugiye gutanguza itohoza ubu bwa vuba hanyuma abo bose bagize uruhara muri aka kamaramaza babihanirwe.

“Abo bose bazohamwa n’icaha bazobihanirwa hakurikijwe amategeko ya SLFA, kandi bazoshikirizwa inzego z’igihugu zijejwe kurwanya igiturire.”

Umuyobozi nshingwanikorwa wa Kahunla Rangers "yiyamirije yivuye inyuma iyo nyifato itabereye mu nkino” nayo umuyobozi mukuru wa Lumbebu avuga yuko "atari azi ikintu na kimwe kijanye n’ubusuma muri izo nkino”.

Hagati aho umukuru wa Koquima Lebanon yaseye n’uwuvuga yuko urukino ikipe yiwe yakinye rwari urwa kivukanyi nayo abayobozi ba Gulf FC bakaba banse kugira ico bashikiriza.

SLFA yavuze ko izokora itohoza ku bakinyi n’abayobozi b’ayo makipe ane yose, abahagarikizi b’izo nkino hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu karere k’ubuseruko bwa Sierra Leone.

Ibitsindo vyinjiye nk'imvura mu gice ca kabiri

Amakipe yombi, Kahunla na Gulf FC, yari afise amanoka angana imbere y’inkino zanyuma kandi yarwanira ikibanza gisigaye c’akarere k’ubuseruko mw’ihiganwa rya Super 10 League, ikaba ari yo ifatwa nk’intambwe yanyuma mu kwinjira mu ciciro cambere Premier League.

Izo nkino zibiri zabereye rimwe kandi umuhagarikizi w’urukino rwa Gulf yaranse guhagarikira igice ca kabiri, aca arasubirizwa.

Ibintu vyacitse urudubi mu gice cakabiri igihe vyagaragara ko ikipe irusha iyindi ibitsindo ariyo izobandanya – mu gihe Kahunla yinjije 93 na Gulf ikinjiza 84.

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Kahunla, Eric Kaitell, ku mbuga hwaniro yiyamirije ikipe yiwe hamwe n’izindi zitatu zabigizemwo uruhara.

Kaitell yagize ati: "Nashaka ntangure nsaba ikigongwe ku bakunzi b’umupira w’amaguru muri kino gihugu hamwe no kw’isi yose kubera ivyavuye mu rukino rw’ikipe yanje Kahunla Rangers.

"Ndashaka kuvuga nshimitse yuko niyamirije cane iyi nyifato itabereye na gato mu nkino yerekanywe n’ikipe yanje, hamwe n’izindi kipe zabigizemwo uruhara".