Ingorane za DRC ni ubutegetsi bugoyagoya kuva kera – Reyntjens

Bernard Bankukira

BBC Gahuzamiryango

Tshisekedi

Ahavuye isanamu, PRESIDENCE RDC

Kimwe mu bintu bituma Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo yama mu ntambara igihe kinini ni “ubutegetsi bwayo bugoyagoya", ibi bivugwa n’umwigisha wa kaminuza, Filip Reyntjens, umuhinga ku karere k’ibiyaga binini vya Afrika.

Mu kiganiro na BBC Gahuzamiryango, uyu mushakashatsi w’umubirigi avuga ko ubutegetsi bwa DR Congo kuva kera wasanga "budashobora kurangura amabanga yabwo nkenerwa, harimwo kugenzura ubutaka bwayo no kubungabunga ubusugire bwayo”, akavuga ko ari ingorane y’ubutegetsi isanzwe ihari kuva ku butegetsi bwa Mobutu.

Avuga ati: “Mobutu kuva mu myaka ya 1970, yagiye arasambura bukebuke iki gihugu kitagishoboye kurangura amabanga shingiro yaco kuva kera cane”.

Abona ko uku kugoyagoya kw’ubutegetsi bwa Congo kwibonekeza kandi no mu gisirikare cayo.

Kuva inyuma y’intambara yo mu mwaka wa 1996-1997 yomoye Mobutu Sese Seko ku butegetsi yari amazeko imyaka irenga 30, Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo (RDC/DRC), yahoze yitwa Zaïre, ni nk’uko ata mahoro arama irigera ironka.

Kuva ico gihe, iki gihugu co mu karere k’ibiyaga binini kigira kabiri mu bunini ku mugabane wa Afrika, camye kirangwamwo intambara, cane cane mu ntara zo mu buseruko, ahavugwa ubu imirwi irenga 100 yitwaje ibirwanisho yama iriko irahungabanya umutekano w’abanyagihugu.

Filip Reyntjens avuga ko igisirikare ca Congo  - igisirikare ca Zaïre ku butegetsi bwa Mobutu –  ari co “cirori c’ubu butegetsi bugoyagoya”.

Ati: “Uribuka n’igihe Congo yikurako M23 mu 2013, vyakozwe n’ingabo mpuzamakungu zaje gushigikira MONUSCO zibona kwomora M23, si igisirikare ca Congo cabirukanye”.

“Eka no mu ntambara ya kabiri ya Congo mu 1998 si igisirikare ca Congo ca Laurent-Désiré Kabila carwanye, harwanye incuti zayo cane cane za Angola na Zimbabwe  zaje gutabara ubutegetsi bwa Kabila.

“Ni bo bahagaritse iyi mihari ibiri y’inyeshamba, ico gihe yari MLC ya Jean-Pierre Bemba yafashwa na Uganda, hamwe na RCD yari ifashwe mu mugongo n’Urwanda”.

Ku bwiwe, ingabo za Congo ntizarwanye, ariko ubu hariho akarusho “kuko ubu ingabo za FARDC zirarwana, n’aho bidashemeye”.

Ati: “Bararwana, ariko biraboneka ko n’aho boba bahanganye n’umwansi asanzwe, ntaco bashikako, ni ko vyagenze nk’akarorero kuri M23, haba i Bunaganara  canke no mu tundi turere twa teritware ya Rutshuru”.

Ariko n’aho avuga ko igisirikare c’iki gihugu kigoyagoya, abona ko ubu hariho iterambere, ko ubu gifise inguvu, ugereranije n’igihe intambara ya mbere ya Congo intangura mu 1996.

Ati: “Ico gihe, igisirikare ca Zaïre nta n’ubwo carwanye. Nta ntambara yabaye, barahunze imbere y’inyeshamba za AFDL ico gihe zafashwa na Uganda hamwe n’Urwanda”.

Hampande y’ubu butegetsi bugoyagoya, Reyntjens abona kandi ko harimwo n’inyungu z’akarere zituma ibihugu bibanyi vyiyagurira uturere tw’intambara.

Ati: “Aha turabona nka Uganda, u Rwanda, hamwe n’Uburundi ariko ku rugero kanaka, ariko kandi tutibagiye na  Angola, mu 1996-97 , vyakoreye intambara yo hagati yavyo bizikorera ku butaka bw’iki gihugu kigoyagoya, citwa Zaïre ico gihe, ubu kikaba citwa Congo”.

Muri kino gihe, igisirikare ca DRC gihanganye n’umuhari M23 uherutse kwigarurira igisagara ca Bunagana kiri ku rubibie iki gihugu gihana na Uganda.

Kuva kera reta ya Congo yamye yagiriza u Rwanda ko rufasha umuhari wa M23, ivyo leta y’u Rwanda nayo yamye yamirira kure.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Umuhari M23 wagarutse haheze imyaka hafi cumi utakivugwa inyuma yo kwomorwa mu 2013

Abajijwe kuri iki kibazo, Reyntjens na we nyene avuga ko ubu ata vyemezo bifadika bafise vyerekana imfashanyo u Rwanda rwoba ruha M23, ariko akemeza ko “abari mu mugambwe FPR mu Rwanda bafasha cane M23 mu bijanye na poritike hamwe na diplomasi”.

Ati: “Gusa sinzi neza, ariko n’aho ubuserukizi bwa Amerika i Kinshasa bwagirije amenya u Rwanda ko rufasha M23 mu buryo bwa gisirikare, ubu sindabona neza nk’uko vyari mu 2012-2013, ivyemezo bifadika vy’imfashanyo ya gisirikare u Rwanda rwoba ruha M23”.

Hagati aho, afatiye ku vyabaye aho hambere abona ko bitoba bitangaje ko u Rwanda rwovugwa muri kino gihe mu buseruko bwa Congo.    

Ati: “U Rwanda ruzwi ko rwakoreye muri ako karere ibikorwa vya gisirikare, ruragenzura umwanya utari muto ako karere k’ubuseruko bwa Congo. Uretse izi ntara zibiri z’ubuseruko bwa Congo, Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo, rwarageze kure mbere, rushika za Kasai na za Katanga muri ya ntambara ya kabiri yo kuva mu 1998 gushika 2003.

“Rero ku Rwanda sinovuga ko ako gace ari ubutaka bwarwo, ariko ni akarere rwakoreramwo ibikorwa vya gisirikare, vya poritike, ariko cane cane vya poritike".

Uretse abavugizi ba reta y’u Rwanda bahakana ibi birego, igihe cose Perezida Paul Kagame abajijwe iki kibazo, yama asigura ko igihugu ciwe ata ruhara gifise mu bibera muri Congo.

Hagati aho, inyuma y’intambara ya mbere yo kwomora ubutegetsi bwa Mobutu yari irongowe na Laurent-Désiré Kabila, ivy’uko u Rwanda rwafashije umuhari AFDL vyagiye gushimangirwa n’uko Jenerali James Kabarebe abaye umukuru w’igisirikare gishasha ca Repubulika y’Intwaro Rusangi yari irongowe na Laurent-Désiré Kabila.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Laurent-Désiré Kabila yashitse ku butegetsi mu 1997 atembagaje Mobutu Sese Seko mu ntambara yamaze ikiringo kidashika umwaka

Ku bwa Reyntjens, ni ibisanzwe ko Perezida Kagame ahakana uruhara rw’u Rwanda kuko rwamye ruhakana kuva kera.

Ati: “Yarahakanye mu 1996, arahakana mu 1998, mu 2012/2013 igihe no mu ncuti ziwe ata n’umwe yemeye ivyo yavuze”.

Ibiganiro bihagarariwe na Kenya vyatanguye mu misi iheze, vyatanze umwizero ko kumbure amahoro ashobora kugaruka muri aka karere, ariko ibintu ahubwo vyateye vyunyuka inyuma y’aho umuhari M23 wirukaniwe muri vyo, wagirizwa gutera ingabo za reta, mugabo wowo ukavuga ko wasotowe.

Inyuma y’aho, reta ya Kinshasa yatangaje ko umuhari wa M23 ari uw’iterabwoba.

RDC ni umunywanyi wa EAC

Intambara hagati ya reta ya DR Congo n’umuhari M23 yatumye imigenderanire hagati y’iki gihugu n’u Rwanda isubira gutosekara inyuma y’imyaka ibiri yari myiza, kuva Perezida Felix Tshisekedi ashitse ku butegetsi.

Ivya M23 vyasubiye kuvugwa cane mu mpera z’umwaka uheze, inyuma y’imyaka yababa cumi yari irangiye ni ukuvuga kuva mu 2013 igihe itsindiwe n’ingabo mvamakungu, ata gakacira. 

Ikintu gitangaza Reyntjens ni uko icuka kibi hagati ya DR Congo n’u Rwanda casubiye kuvyuka ico gihugu cinjiye mw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko (EAC).

Ati: “Budakeye na kabiri  yinjiye, niho DRC yaca itangura kwagiriza Urwanda ko ruvogera ubutaka bwayo”.

Abona ko ari ikintu gitangaje na rirya amaso y’isi yose yari ahanze u Rwanda rwariko rwitegurira kwakira inama ya Commonwealth iherutse kurangira ku mugwa mukuru, Kigali.

Yongera ati: “Ibitero vya M23 n’imfashanyo ivugwa y’u Rwanda vyaje hasigaye indwi nk’imwe canke zibiri ngo inama ya Commonwealth itangure i Kigali”.

Ubwo ingabo za EAC zizoshobora kugarura amahoro muri aka karere?

Ahavuye isanamu, STATE HOUSE KENYA

Insiguro y'isanamu,

Prezida Kenyatta yahuje abakuru b'akarere ku kibazo ca Congo

Ku wa 20 Ruheshi uno mwaka, abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko (EAC)  mu nama yabo i Nairobi, umugwa mukuru wa Kenya, kugira bige kibazo c’amahoro n’umutekano  muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo (DRC),  bafashe ingingo y’uko harungikwa vuba ingabo z’iri shirahamwe kugira zituze imirwi y’inyeshamba ivugwa muri aka karere.

Reyntjens wewe nta cizere afise ko izi ngabo zizohava zirungikwa, kubera ico abona ko ari inzitizi zishingiye ku kungene ibintu bimeze muri kino gihe.

Ati: “Nibaza ko imbere yo gushinga izi ngabo ari ukubanza kwitonda, bakabanza gukuraho inzitizi zimwe zimwe. Biragoye kwiyumvira ko muri kino gihe, uravye ingene ibintu bimeze hagati ya Congo n’u Rwanda ukungene ingabo z’u Rwanda zoba ziri muri iki gisirikare c’akarere kigiye kugarukana amahoro muri Congo. Ni ibintu bidashoboka”.

“Eka mbere n’aho twofatira ku migenderanire idatomoye hagati ya Congo na Uganda, jewe vyontangaza n’aho hari ingabo za Uganda ziri muri Congo ariko mu rwego rutandukanye n’uru, rwo kurwanya ADF”.

Ku bwiwe, igisirikare nk’iki gishobora gukora mu gihe coba kigizwe gusa n’ingabo ziva mu bihugu bidafise uruhara mu ndyane, cane cane Tanzania na Kenya.

Ati: “Tanzania iboneka cane ko ataho yegamiye ku buyo ishobora kuba muri izi ngabo, co kimwe na Kenya nayo nyene ifatwa ko ataho yegamiye muri iyi ntambara. Sudani y’Epfo nayo nyene ntaho yegamiye, ariko ifise ibibazo vyinshi biyihanze ku buryo idashobora kubamwo”.

“Ibihugu vyorungika ingabo vyoba bidafise aho vyegamiye, ibi ndabivuze kubera ko izi ngabo z’akarere zizoshobora kurangura igikorwa uko gitegerezwa mu gihe zitokwikekwa ko ata kintu cinyegeje ibihugu vyazo birondera.

“Aha rero biragoye kwiyumvira ingene ingabo za Uganda, iz’u Rwanda n’iz’Uburundi zoba ziri ku butaka bwa Congo ku buryo atawokwikeka ko zifise icinyegeje, ibi navyo siko vyogenda ku ngabo za Kenya n’iza Tanzania”.

Reyntjens yibutsa ko ingabo za Tanzania, isanzwe iri muri ca gisirikare mpuzamakungu, ziri kumwe n’iza Afrika y’Epfo hamwe n’iza Malawi, ari zo zashoboye gutsinda M23 mu 2013.