Bateri y'umusenyi igiye guhindura ibintu mu nguvu zidahumanya ikirere

Ikigega kirimwo umusenyi
Insiguro y'isanamu,

Bateri y'umusenyi ubu irakora neza nk'uko bivugwa n'ikigo c'inguvu

Abashakashatsi bo muri Finlande bakoze bateri ya mbere kw’isi ikoresha umusenyi ishobora kubika inguvu zidakomotse ku bitoro biva mu kuzimu mu kiringo c’amezi menshi mu gihe kimwe. 

Abayikoze bavuga ko ivyo bishobora kuba inyishu ku kibazo co kuronka inguvu umwaka wose, ingorane zikomeye ku masoko ntanganguvu adakomoka ku bitoro vyimbwa mu kuzimu.

 Hakoreshejwe umusenyi w’intete nto, iyo bateri ica ishushwa n’inguvu zizimbutse zivuye ku mishwarara y’izuba canke ku muyaga.

Uwo musenyi uca ubika ubwo bushuhe gushika ku  rugero rwa Celcius 500, hanyuma igashobora gususurutsa amazu mu gihe c’imbeho nyinshi (hiver/winter) aho ibiciro vy’inguvu biba vyaduze cane.

 Gaz nyinshi Finlande ikoresha iyivana mu Burusiya, ubu rero intambara ya Ukraine yatumye kwibaza ahova ayandi masoko ntanganguvu  bisubira guhabwa ikibanza gikomeye.

Amakenga ku bitanga ubushuhe n’amatara, na cane cane ubu himirije igihe kirekire kandi c’imbeho nyinshi muri Finlande   biraraje ishinga abanyeporitike co kimwe n’abanyagihugu.

Ariko ubu habonetse ubuhinga bushobora kugabanya imwe muri iyo myitwarariko.

 Igikomeye muri ubwo buhinga bushasha ni igiki? Hafi amatoni 100 y’umusenyi  ukoreshwa mu kwubaka, wuzuye ikigega gisa n’isafuriya giteretse ngaho.

Izo ntete z’umusenyi zishobora kuba ari inzira yoroshe kandi isaba uburyo buke yo kubika inguvu zizokoreshwa igihe zizoba zikenewe cane.

Kubera ihindagurika ry’ibihe ubu naho hongeyeko  ibicio vy’ibitoro bikomoka mu kuzimu biguma vyiyongera, ubu hashizwe  uburyo bwinshi mu kurondera ahova inguvu ziturutse ku masoko yisubiriza.

Mu gihe   umuyagankuba uturutse ku buhinga bushasha bw’imishwarara y’izuba n’umuyaga ushobora gufatanywa n‘uwari usanzwe ukoreshwa mu gihugu, ayo masoko mashasha yongeweko azanana n’ibindi bibazo.

Kimwe mu bibazo bikomeye cane ni ukumenya ingene amatara ashobora kuguma yaka igihe izuba ritatse canke ata muyaga uhari.

 Kwongera ayandi masoko ntanganguvu yisubiriza ku rufatane rw’umuyagankuba bisigura ko utegerezwa gusubiramwo itunganywa  neza ry’ingene isoko ryose ritanga umwimbu kugira urufatane rugume rukora neza mu bihe vyose, kuko inguvu z’umurengera canke inguvu zidahagije zishobora gutuma ruhungabana.

Inyishu iza ubwa mbere muri ico kibazo ni amabateri manini ashobora kubika akanatanga inguvu igihe urufatane rwose ruzoba rusigaye rukoresha amasoko yisubiriza kurusha ayava ku bitoro bikomoka mu kuzimu.

Ahavuye isanamu, TONY JOLLIFFE

Gushika ubu, amabateri menshi akozwe muri lithium, arazimvye kandi akaba manini manini cane , kandi akaba hari inguvu atarenza.

 Ariko mu gisagara ca Kankaanpää, umugwi w’aba injeniyeri b’abanya-Finlande barangije kwubaka bateri ya mbere yo gushira kw’isoko ikozwe mu musenyi bibaza ko igiye gutanga inyishu yo kubika inguvu mu buryo bworoshe.

 Umuyagankuba uzimbutse ushusha umusenyi gushika ku bushuhe bwa dogere (degre) Celsius 500.

Bituma haba umwuka ushushe ugaca utembera muri uwo musenyi hakoreshwe ikindi cuma c’uguhanahana ubushuhe.

 Umusenyi n’inzira yoroshe yo kubika ubushuhe kandi utakaza bike cane ku gihe kirekire.

Abakoze iyo bateri bavuga ko umusenyi ushobora kumara amezi menshi ushushe ku ma dogere Celsius 500.  

Iyo rero ibiciro vy’inguvu biduze cane, iyo bateri ica irekura uwo mwukwa ushushe nawo ugashusha amazi nayo agaca asunikwa mu miringoti ija mu mazu, mu biro mbere no mu kizunga co kwogamwo (piscine/swimming pool).

Insiguro y'isanamu,

Abashakashatsi b’abanya-Finlande Markku Ylönen na Tommi Eronen, batanguye kugira ico ciyumviro ca bateri y’umusenyi  

Umusenyi ugiye gukorora ibiciro

 

Iciyumviro ca bateri y’umusenyi catanguriye ku ruganda  rusya ibiti  bikorwamwo impapuro mu gisagara ca Tampere.  

Igisigaye kumenya ni uko ubwo buhinga bushobora gutunganywa kugira buzane ubudasa -ikindi ni ukumenya niba abakoze ubwo buhinga bashobora no guhingura umuyagankuba  nk’uko baronka ubushuhe.

Hageze ku muyagankuba, ubwo buhinga ntibusubira gukora neza.

Ariko no gushobora kubika nk’ubushuhe inguvu zidaturutse ku bitoro bikomoka mu kuzimu navyo ni inkuru nziza muri ico gisata aho ubushuhe bukoreshwa ku vyo kurya,  mu guhingura impuzu  n’imiti buva mu gucana ibitoro bikomoka mu kuzimu.

Ahavuye isanamu, TONY JOLLIFFE

Insiguro y'isanamu,

Iyo bateri y’umusenyi ifasha mu gususurutsa amazu, ibiro n’ikizunga co kwogamwo

Ubwo buhinga bwa bateri zikozwe mu musenyi hari n‘ibindi bigo biriko birabwiga nko muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ariko abo muri Finlande babaye abambere bakoze iyo bateri gushika ubu ikora neza, nk’uko bivugwa n’umugabo yabishizemwo umutahe.

Pekka Passi, umuyobozi w’uruganda rw’inguvu rwa  Vatajankoski ati: “Biroroshe cane, ariko twarakunze cane ico ciyumviro co kugerageza ikintu gishasha, kuba aba mbere kw’isi bakoze ikintu nk’iki.”

“Ushatse wovuga ko ari nk’ugusara, ariko nibaza ko bizogenda neza cane.”