Malawi: Umugabo umwe yaciriwe uwo guherayo azira kwica mwenewabo w'umwema

Abantu batanu baciriwe umunyororo wo guherayo bazira kwica umunyamwema
Insiguro y'isanamu,

Abantu batanu baciriwe umunyororo wo guherayo bazira kwica umunyamwema

Abantu batanu baciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwabo bowse no gukora ibikorwa biruhisha bazira kwica umugabo w'umwema muri Malawi haraciye imyaka ine.

Bahamijwe icaha co kwica MacDonald Masumbuka, yaburiwe irengero mu kwezi kwa gatatu mu 2018 mu bumanuko bwa Malawi.

Umwe muri abo baciriwe urubanza ni mwenewabo na Masumbuka.

Uwundi yaciriwe urubanza na sentare nkuru yo muri Malawi ku musi wa kabiri ni padiri Thomas Muhosha, we n'abandi bagabo bane baciriwe igihano coroheje co gupfungwa imyaka 30.

Umucamanza Dorothy Kamanga yavuze ko ivyo yafatiyeko muri urwo rubanza harimwo ko uwishwe yagambaniwe n'abantu yari yizeye, ko ubwo bwicanyi bwari bwiteguriwe neza kandi ko yiciwe nabi mw'itongo ry'abapfu.

Ishengero rya Katolika muri Malawi ryahagaritse patiri wa Katolika, Muhosha, mu mabanga yiwe igihe hamenyekana inkuru ko yagize uruhara muri ubwo bwicanyi mu 2018.

Muri iyi myaka cumi iheze, Malawi yarabayemwo ibitero bitubereye abantu b'abema vyakorwa n'abemera ibintazi ko amagufa yabo hamwe n'ibihimba vy'umubiri bishobora gukoreshwa mu kuronka ubutunzi canke amahigwe mu buzima.

Ibiharuro dukesha ubutegetsi, zivuga ko kuva mu 2014, abarenga 170 b'abema bamaze kwicwa canke baragirwako ibitero.