Russia yemereye Belarus ibigwanisho vya Iskander-M bishobora kurasa ibisasu vya nikleyeri

Iskander

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Iskander ni ubwoko bwa misire ishobora kwikorera ibisasu vya nikleyeri

Uburusiya bugiye kurungikira incuti yabwo Biélorussie/Belarus misire za nikleyeri zirasa hafi mu mezi ari imbere, nk’uko Perezida Vladimir Putin abivuga.

Avuga ko ibigwanisho vya Iskander-M bishobora kurekura ubwoko butandukanye bwa misire harimwo n’iza nikleyeri.

Ibi birwanisho bishobora kurasa ibisasu gushika ku birometero 500.

Icuka kibi hagati y’Uburusiya n’Uburengero cariyongereye cane, inyuma y’ingingo ya Perezida Putin yo gutera Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2).

Kuva ico gihe, Perezida Putin amaze kuvuga kenshi ku vyerekeye ibirwanisho vya nikleyeri, ivyo bamwe bafata ko ari ukugabisha ibihugu vy’Uburengero kugira ntivyite muri iyi ntambara.

Avugira mu gisagara ca St Petersburg, Perezida Putin yavuze ko Uburusiya bugiye guhindura indege za Biélorussie SU-25 kugira ngo zishobore kwikorera ibirwanisho ruhonyanganda vya nikleyeri nk’uko vyasabwe na Perezida Lukashenko.

Hagati aho, hari ibibombe bitari bike vyaturikiye ku mugwa mukuru Kyiv mu gatondo ko kuri uyu wa Mungu, nk’uko bivugwa n’umukuru w’iki gisagara Vitali Klitschko.

Yongerako ati: “Za rusehabaniha n’abajejwe ubutabazi bahashitse, kandi ibikorwa vyo gutabara no guhungisha abantu birabandanya mu nyubakwa zibiri”.

Itororokanirizo ry’amakuru AFP rivuga ko inyubakwa isanzwe ituwemwo n’abantu yatewe.

Ejo ku wa gatandatu,Ukraine yatangaje ko ingabo z’Uburusiya “zigaruriye” igisagara gikomeye ca Severodonetsk cose inyuma y’amayinga kirangwamwo intambara z’urutavanako.

Ukwigarurira iki gisagara bisigura ko ubu Uburusiya bugenzura hafi intara yose ya Luhansk n’igice kinini ca Donesk – intara zibiri zigize akarere ka Donbas karangwamwo amahinguriro.

Mw’ijambo yashikirije mu buryo bwa videwo mu masaha yitereye nijoro ku wa gatandatu, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yiyemeje ko ategerezwa kwisubiza “ibisagara vyacu vyose” vyigaruriwe n’Uburusiya.

Ariko yavuze ko intambara n’Uburusiya yinjiye mu gihe kigoye kandi kibabaje, ko atazi ingene ibizokwononekara bizongana.

Ku wa gatanu mw’ijoro, Uburusiya bwarateye ibisasu vya misire vyinshi mu turere turi mu buraruko no mu burengero bwa Ukraine. N’imiburiburi abantu batatu barishwe abandi nabo bakaba bashobora kuba baguweko n’ibihomoka mu gisagara ca Sarny kiri mu burengero bwa Kyiv, nk’uko bivugwa n’umutegetsi w’akarere.

Bimwe muri vya muzinga vyatewe biva muri Biélorussie, nk’uko Ukraine ibivuga. Biélorussie yifatanije n’Uburusiya ariko igisirikare cayo ntikirwana ku mugaragaro muri iyi ntambara.

Igisata ca Ukraine kijejwe igendereza kivuga ko ibi bitero vya misire biri mu twigoro twa Kremlin two kwinjiza Biélorussie muri ino ntambara.

Ifatwa rya Severodonetsk ribaye hasigaye indwi imwe ngo ibihugu vy’Uburengero bitangure umubonano, aho Perezida Joe Biden wa Amerika yitezwe mu Budagi mu nama ihuza ibihugu bitunze gusumba ibindi bihurikiye mu citwa G7, ikazokurikirwa n’ibiganiro vya OTAN/NATO.

Mu mezi make aheze, iri huriro ry’ibihugu vy’Uburengero ryarerekanye ibimenyetso vyo kudebukirwa  ariko ku wa gatandatu umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza yavuze ko ari ngombwa ko Ukraine itsinda iyi ntambara n’Uburusiya.

Ati: “Ubu si igihe co guheberana Ukraine”.

Kuri uno wa Mungu, umukuru w’igihugu ca Indonesia Joko Widodo, akaba yitezwe muri iyi nama ya G7, avuga ko azosaba abategetsi ba Ukraine n’Uburusiya gusubira mu biganiro.

Muri ino nama yo ku wa gatandatu yacishijwe ku mboneshakure na mugenziwe wa Biélorussie Alexander Lukashenko i St Petersburg,  Putin yavuze ati: “Twafashe ingingo: mu mezi make ari imbere, tugiye guha Biélorussie misire za Iskander-M”.

Yavuze ko ibijanye n’ingene tuzobitanga bizokwigwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi b’ibi bihugu vyompi.

Misire za Iskander ziramaze gushikanwa i Kaliningrad, akarere kegukira Uburusiya kari mu karere ka Baltique hagati y’ibihugu vya OTAN Lithuania na Pologne.

Aba bakuru b’ibihugu babiri baraganiriye ku ngingo ya Lithuania yo kubuza ibidandazwa bimwe bimwe kwinjira no gusohoka biva i Kaliningrad – ingingo yashavuje cane Moscou.

Umukuru w’igihugu ca Biélorussie avuga ko ingingo ya Lithuania ari “nk’ugutangaza intambara” kandi ko “idashobora kwihanganirwa”.

Ubutare bw’ivyuma n’ibindi bidandazwa vy’Uburusiya vyarafatiwe ibihano n’Ubumwe bwa Bulaya kubera igitero c’Uburusiya kuri Ukraine.

Lithuania ivuga ko ingingo zayo zigira inkurikizi ku bidandazwa bisanzwe vy’Uburusiya ku rugero rwa 1% gusa, AGAHAKANA amajambo avugwa n’Uburusiya ko Kaliningrad “yazibiwe”.