Umwongereza yafatiwe muri Ukraine yabwiwe ko ategerezwa kunyongwa nk'uko bitegekanijwe

Aiden Aslin

Ahavuye isanamu, Aiden Aslin

Umugabo w’Umwongereza aherutse gucirirwa urwo gupfa na sentare ikorana n’Uburusiya kubera yariko arwanira Ukraine yabwiwe ko ategerezwa kunyongwa uko bitegekanijwe, nk’uko umuryango wiwe ubivuga.

Aiden Aslin na Shaun Pinner baciriwe urubanza rwo gupfa na sentare itemewe ku rwego mpuzamakungu yo mu citwa Repubulika ya Donetsk (Donetsk People's Republic, DPR).

Aslin yabwiye umuryango wiwe ko abamufashe mpiri bamubwiye ko abategetsi b’Ubwongereza ata twigoro bigeze bagira two kurondera kumurekuza.

Umushikiranganji w'Ubwongereza w’imigenderanire yaravuganye n’abategetsi ba Ukraine kuri iki kibazo mu ntango z’uku kwa gatandatu.

Liz Truss avuga ko we na mugenziwe wa Ukraine Dmytro Kuleba bavuganye ku twigoro two “kurekuza impfungwa z’intambara ziri mu minwe y’abakorana n’Uburusiya” akaba avuga ko izi manza z’urupfu “ziteye isoni kandi ntizemewe na gato”.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire buzwi ko buriko burakora amatohoza ku Bongereza bafatiwe muri Ukraine, kandi ko bufata mu mugongo imiryango ya Aslin na Pinner. 

Mu muryango wa Aslin bavuga ko bavuganye nawe kuri terefone akaba yababwiye ko abamufise mu minwe bamubwiye ko “umwanya uriko uramuherana”. 

Inakuru wiwe Pamela Hall yabwiye BBC ati: “Nta majambo, ni ukuri nta majambo, ni umubabaro udasanzwe ku muntu uwo ari we wese ubonye nk’umunyamuryango wawe aterwa ubwoba nk’uku”. 

“Aiden yari yuzuye uburakari igihe yavugana na nyina wiwe muri kino gitondo. Ikintu nyamukuru ni uko Aiden yavuze ko DPR yamubwiye ko ata muntu n’umwe mu Bwongereza arigera avugana nabo, kandi ko agiye kunyongwa”.

“Ndemera ivyo Aiden yatubwiye, ko mu gihe abategetsi ba DPR ataco bobwirwa bazoca bamunyonga. Nizere ko ibi atari vyo”.

Aslin na Pinner bimukiye muri Ukraine mu 2018, bamaze imyaka bari mu gisirikare ca Ukraine imbere y’igitero c’Uburusiya.

Bompi bari bafise abakunzi b’abanya-Ukraine kandi iki gihugu cari camaze kuba rwabo. Bafashwe inyuma y’indwi zitari nke barwanira muri Mariupol yari imaze igihe kitari gito yagoswe.

Ariko iyi sentare ikorana n’Uburusiya ibita “abacangero”, ikabagiriza ko barungitswe mu ntambara yo hanze mu ntumbero yo guca amahera.

Bagirijwe ivyaha birimwo kwigarurira ubutegetsi ku nguvu, kandi ko bari mu myimenyerezo yo gukora ibitero vy’iterabwoba, nk’uko bivugwa n'itororokanizo ry'amakuru RIA Novosti rya reta y'Uburusiya.

Ahavuye isanamu, Telegram

Insiguro y'isanamu,

Aiden Aslin (i bubamfu) na Shaun Pinner (hagati) bafashwe isanamu bari kumwe n'umunya Maroc Saaudun Brahim

Mu ntango z’uku kwezi, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yabwiye abanyeshure b’Ubwongereza ko ivyo Uburusiya buriko bukorera aba Bongereza babiri ari “ubukozi bw’ikibi bumenyerewe” kandi ko ata “nsiguro ishobora kubaho y’ibikorwa nk’ibi”.

Avuga ko ari “ikimenyetso gikomeye kandi kibi” ku bindi bihugu ko Uburusiya “buriko bukorera ibi nyene abanyagihugu bava mu gihugu ico ari co cose”.

Rea y’Ubwongereza ivuga ko bakwiye gufatwa nk’impfungwa z’intambara nk’uko amategeko abivuga mu masezerano y’i Geneva.

Umupfasoni Hall ati:“Namye mvuza induru kuri iki kibazo, ariko amarira ntaco afasha, ndashaka kugira ico nkoze ariko sinzi ico nokora”.

“Sinoreka gusaba ko hoba ibiganiro hagati y’Ubwongereza n’Uburusiya”.

Ariko amakuru ava muri reta y’Ubwongereza avuga ko abashikiranganji muri kino gihe batipfuza kuja mu biganiro bitaziguye n’Uburusiya kubera bishobora gutuma haduka amajambo mabi mu Burusiya ko aba bantu ari abacangero.

Aslin yari yiteze kurongora vuba umukunzi wiwe w’umunya-Ukraine yaciye ahungira mu Bwongereza kuva uyu musore afashwe.

Umupfasoni Hall abandanya agira ati: “Ndazi ko Boris Johnson yagendeye Kyiv akavugana na Perezida Zelensky kandi nizere ko bavuganye kuri aba bahungu”.

Mu ndwi nkeya ziheze, Aslin na Pinner barashinyagurijwe n’abanyamakuru ku mboneshakure yegamiye reta mu Burusiya yagiye yerekana amasanamu y’izi mpfungwa.

Abanya-Ukraine baba i Nottingham mu Bwongereza bariko barategura imyiyerekano mu mpera z’iyi ndwi mu ntumbero yo gushigikira Aslin.