Africa iratakaza incabwenge: '90% y'abagenzi banje bashaka kwigira'

Ayoade Oni, yipfuza kwiga ubuhinga bw'inyabwonko ashaka kwimukira muri Canada

Ahavuye isanamu, AYOADE ONI

Insiguro y'isanamu,

Ayoade Oni, yipfuza kwiga ubuhinga bw'inyabwonko ashaka kwimukira muri Canada

Amatohoza mashasha ku rwaruka rwo muri Afrika rurenga 4.500 rufise hagati y'imyaka 18-25, abagera ku 52% bipfuza kwimukira mu bihugu vya Buraya mu myaka mike iri imbere, impamvu nyamukuru batanga ikaba ari ingorane z'ubukene hamwe no kurondera kwiga.

BBC yaravuganye n'abakiri bato batanu bo muri Nigeria na Afrika y'Epfo bavuze ko ata mutekano bafise mu bihugu vyabo, kandi ko badashobora kuronka ubuzi, ariko abo muri Ghana ibintu biratandukanye.

Umunye-Nigeria w'imyaka 18 Ayoade, ava mu gisagara ca Lagos agira ati: "Umutekano muke muri Nigeria uteye ubwoba." Ni kimwe mu bintu bituma ashaka kuva muri Nigeria.

Mu mwaka uheze yahatswe kunyuruzwa "ku murango". Yari avuye mu vyigwa nkarishabwenge vyo gukora amatelefone aho umugwi w'abagizi ba nabi bamwegera, bamutegeka kubaha ivyo yari afise.

Yaranse aca "atambuka yihuta" kugira ashobore guhunga. Yibaza ko arusimvye aho yahungira mu nzu y'idandarizo imwegereye harimwo abantu , baca batangura kumuryosharyosha bamubwira ko bari kumwe ata co aba.

Ariko wari umutego.

Ubwo nyene, umushoferi w'imodoka yunguruza abantu yaciye ahagarara aca aramugabisha ko abo bantu ari "abanyuruza abantu", aca amutegeka kwinjira mu modoka. Avuga ko ivyo ari vyo vyamukijije ico gihe.

Umugwi w'abahinga ufise icicaro i Lagos uvuga ko Nigeria igeramiwe n'abanyuruza abantu bagaca basaba amahera y'ingwati, abakora ivyo bakaba bamaze kuronka imiliyoni n'imiliyoni z'amadolari uko imyaka igenda irahera.

Oni avuga ati: "Sinshobora kuja hanze mw'ijoro, mbere n'abavyeyi ntibobinyemerera. Banshiriyeho amasaha yo kuba nageze muhira bitarenze isaha isaha 18:30 buri joro.

"Ubushomeri burenze urugero, igisata c'amagara y'abantu cifashe nabi cane, ubushobozi bwo kubaho buri hasi n'ibura ry'akazi", ni vyo bindi bintu bivugwa na Oni bituma yipfuza guhunga igihugu.

Na yo akaryo ko kuronka akazi inyuma yo kuronka urupapuro rw'umutsindo mu vyigwa vy'ubuhinga bw'inyabwonko, nta cizere abifiseko.

Benshi mu barangije amashure bagwanira "ibibanza bike bihari, kubera benshi bahabwa akazi ku kimenyane canke igiturire". Uko ni ko abisigura.

Mu gihe yova muri Nigeria akaja muri Canada, aho yumva umutima wiwe ushaka, ntiyiyumvira kuzogaruka. Benshi mu bagenzi biwe bavyumva kumwe: "90% muri bo, nibaba atari bose" bipfuza kwigira.

Ibiharuro vy'amatohoza ya African Youth Survey 2022 yagizwe mu bihugu 15 n'ikigo co muri Afrika y'Epfo Ichikowitz Family Foundation, biremeza umwiheburo wa Oni.

Urwaruka rwo muri Nigeria babona nabi uko ibintu vyifashe ku mugabane wose uravye inzira igihugu cabo kirimwo, aho 95% vyabo bemeza ko ibintu vyifashe nabi.

Ku bantu nka bose babajijwe, abashika 28% ni bo babona ko inzira igihugu cabo kiriko kirafata ari nziza.

Isi itegerezwa kwikangura ishire imitahe muri Afrika, kugira ngo urwaruka rureke guhurumbira kuja mu bindi bihugu kugira rushike kuvyo rwipfuza basize inyuma ibihugu bavukamwo, nk'uko bivugwa n'uwagize ayo matohoza, Ivor Ichikowitz.

Mu kiganiro ca Newsday kuri BBC, Ichikowitz yemeje ko "bisumba kure gutwara incabwenge".

"Uwo mugwi w'abantu, urwaruka ruri hagati y'imyaka 18 na 24 muri Afrika, bavuga bati: "Tuzoteza imbere ubuzima bwacu, n'aho ivyo bidusaba guhaguruka, tukagenda ahandi".

Yavuze ko kuba urwaruka rwinshi rushaka kuja mu bindi bihugu bishobora gutera akaga k'abimukira, avugako ari ibintu "biteye ubwoba.

Mu matohoza ya African Youth Survey yakozwe imbere y'ikiza, urwaruka nka rwose rwabajijwe rwashaka kuguma mu bihugu vyarwo hanyuma rwironderere ubuzima rwonye, nk'uko bivugwa na Ichikowitz.

Avuga ko urwaruka rwinshi rwavuganye n'ikigo ciwe rwavuze ko rwipfuza kuja muri Afrika y'Epfo, i Buraya no muri Amerika. Ariko n'aho Afrika y'Epfo yipfuzwa n'urwaruka rwinshi rwo mu bindi bihugu vyinshi vya Afrika, abo muri Afrika y'Epfo ntibabihurizako, bo bashaka kuja i Buraya no muri Amerika.

Ni ku nyungu z'isi yose ko urwaruka rw'abanyafrika, rushobora kuba rushika ku bice 42% vy'urwaruka rwose ruzoba ruri kw'isi mu 2030, rubandanya "kwubaka Afrika", nk'uko Ichikowitz abandanya abisigura.

Ni vyo rumwe mu rwaruka rwo muri Ghana rwavuganye na BBC rutegekanya gukora.

Abanye Ghana ni bo bagira kabiri mu kugira icizere kuri kazoza k'igihugu cabo ku mugabane wa Afrika inyuma y'Urwanda, abashika 56% muri bo bavuga ko bashima.

Ahavuye isanamu, JULIUS KWAME ANTHONY

Insiguro y'isanamu,

Julius Kwame Anthony ashaka kuguma muri Ghana kandi yemeza ko bishoboka kuhaterera imbere

Uwurongoye ishirahamwe ry'abanyeshure ba kaminuza muri Ghana, Kwame Anthony w'imyaka 24 avuga ati: "Ndashobora gutera imbere muri Ghana, kuko n'aho inzego zacu zidakomeye cane - ibi birashobora gutuma umuntu abona kure ashobora kurengana izi nzitizi".

Abandanya avuga ati: "Kuba hanze bishobora kuboneka ko ari vyiza, ariko muvyo ukuri ntawosya bwose ngo bizogenda neza hariya."

Umugwizatunga yitwa Ernest Larmie w'imyaka 32, na we ni ko abibona: "Turi iwacu, ninaba nshobora gutora umuti w'ingorane ngaha, bizofasha urwaruka ruri imbere", uko ni ko avuga yongera anibaza ku mpamvu abantu bashaka kuja kuba mu mahanga, kugira gusa bafashe ikindi gihugu gutera imbere asize inyuma iciwe.

"Abagore nta mutekano bafise"

Ariko ku bandi, ivyiyumviro vyerekeza kw'iterambere ryo mu mibano yabo ntibikwiye, ingorane bagiriye mu bihugu bavukamwo ni zo zituma bashaka kugenda.

Umugore akiri muto wo muri Afrika y'Epfo, atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, yemeza ko ibitigiri vy'abantu bicwa muri ico gihugu vyatumye yiyumvira gukura meza, hakiyongerako n'ingorane zo kuronka akazi kuva aronse urupapuro rw'umutsindo mu mwaka uheze.

Avuga ko yafashwe ku nguvu mu 2019 igihe yariko arava kuri kaminuza ariko ataha aho yaba, kandi kuva ico gihe atariyumvamwo umutekano.

Imbere y'ikiza, hagati ya 2018 na 2019, gukubagurwa bifatiye ku gitsina hamwe no gufatwa ku nguvu biri mu bugizi bwa nabi bwa mbere buguma bwongerekana mu gihugu.

"Ni nk'uko ata gihamana dufise twebwe nk'abagore bakiri bato. Tugize kudashobora gutambuka mw'ibarabara twidegemvya mu mutekano, ariko kandi dutegerezwa kurwana n'ubushomeri."

Ahavuye isanamu, MAPULA MAAKE

Insiguro y'isanamu,

Mapula Maake asaba reta guhindura urutonde rw'ivyigwa mu guha ubumenyi abanyeshure bukenewe kw'isoko ry'akazi

Uwundi mugore w'umunye Afrika y'Epfo, Mapula Maake w'imyaka 23, yaremeje ko kuronka akazi muri ico gihugu bigoye, ko ari co gituma ariko ariyumvira kuja mu kindi gihugu.

Avuga ati: "Kuja mu bindi bihugu ni yo nyishu yonyene ishoboka kuri iri soko ry'akazi ryuzuye."

Mu kwezi kwa gatatu, Afrika y'Epfo yarashikanye igitigiri kinini c'abashomeri ku bice 35.3%.

Maake avuga ko ari "ikibazo ku rwego rw'igihugu", agasaba ko "reta yofata ingingo mu gushira umutahe mu mpapuro z'umutsindo.".