'Natawe mw'ibohero kubera imbanyi yankorokanye'

Elsy yamaze imyaka cumi mw'ibohero yagirizwa ubwicanyi inyuma yo gukorora inda
Insiguro y'isanamu,

Elsy yamaze imyaka cumi mw'ibohero yagirizwa ubwicanyi inyuma yo gukorora inda

Amakuru ava muri Amerika avuga ko abagore bahanganye n’amabwirizwa akomeye ababuza gukoroza inda yakiranywe umubabaro muri El Salvador, igihugu co nyene ubwaco gifise amategeko ruhasha kuri iki kibazo.

Mu kwa kabiri, abagore bane bicaye imbere y’ibinyamakuru vya El Salvador. Hagati muri bo, hari abari bamaze imyaka hafi 50 bari mu munyororo.

Icaha bari bakoze ni uko bagize igihamana kibi co gukorora inda – mu gihugu kimwe mu bifise amategeko ruhasha kw’isi arwanya ugukorora inda.

Umwe muri bo ni Elsy.

Mu kwa gatandatu 2011, Elsy yari afise imbanyi akora, nk’umukozi wo mu nzu mu gisagara yari atuyemwo. Yibuka aja ku kazu ka surwumwe aho yakorera, ari naho yahatswe gupfira.

Amaze gutora akenge haciye umwanya, yisanze azungurutswe n’abapolisi. Umwana wiwe vyari vyarangiye. Umukoresha wiwe yaciye aja kumurega ko yakoroye inda.

Mu rubanza rwiwe, Elsy yaciriwe umunyororo w’imyaka 30 ku caha c’ubwicanyi. Yamaze imyaka cumi mu munyororo imbere y’uko abaharanira agateka ka muntu bamufasha akagabanirizwa igihano yaciriwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Mu kwa gatanu 2022, abagore bane bo muri El Salvador batanze ikiganiro ku ncuro ya mbere inyuma y'umunyororo bamazemwo bakoroye inda

Elsy yabwiye BBC ati: “Nagize umubabaro udasanzwe ndi mw’ibohero, ikintu conyene naguma niyumvira yari iyi myaka 30.

“Nibaza ko ntari gupfa nsubiye kubona mama wanje canke umuryango wanje”.

Elsy yagerageje kwiyibagiza amagorwa yo mw’ibohero. Yashoboye kuronka urupapuro rwiwe rw’umutsindo rw’amashure yisumbuye, yitaba amanama nkarishabwenge yongera yitanga mw’isengero ry’ibohero.

Ariko ibi ntivyamubuza kwiyumvira ibihe bibi yarimwo.

Ati: “Naguma niyumvira, ‘kubera iki? Kubera iki abandodobereje babikoze?'”

Ubu aho ari kumwe n’umuryango, Elsy avuga ko urubanza yaciriwe rwari gusa “akarenganyo karangwa” muri El Salvador.

Avuga ko hari benshi bari mu mahano nk’ayo yaciyemwo.

Ubu bwa vuba mu kwa gatanu, umugore yamenyekanye kw’izina rya “Esme” yaciriwe umunyororo w’imyaka 30, na we nyene yagirizwa ubwicanyi inyuma y’aho imbayi yari afise ikorokeye.

Insiguro y'isanamu,

Mariana Moisa avuga ko uburenganzira bwo gukoroza inda ari ikibazo kigumye cane abantu bagahitamwo kucihoza

Ariko imyiyerekano ntiyoroshe kuva igihe umukuru w’igihugu atabonwa kumwe Nayib Bukele, ashingiye amategeko adasanzwe aha igipolisi ububasha budasanzwe bwo guhagarika abari muri yo.

Mariana Moisa ni umwe mu bagore bafata iya mbere mu kurwanira agateka k’abagore muri El Salvador. Ari mu muhari wiswe "green wave"  uharanira uburenganzira bwo gukoroza inda urangwa muri Amerika y’ubumanuko yose.

Moisa avuga ko urugamba rwabo atari urwo gupfunguza gusa abagore canke guhindura amategeko, ahubwo ko ari urwo guhindura ingendo mu gihugu.

Ari ku cicaro c’uyu muhari ku mugwa mukuru San Salvador, avuga ati: “Ni ngombwa ko tubandanya ibikorwa, biva kuri twebwe ntibiva ku migambwe.

“Ni ngombwa ko duhangana n’ingene ibintu bimeze tugaharanira impinduka z’imico”.

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, sentare Nkuru y’igihugu yarahinduye itegeko ryo mw’ibwirizwashingiro ryatanga uburenganzira bwo gukoroza inda.

Abaharanira agateka k’abagore nka Moisa bafise ubwoba ko ibi bizotera intege abagendera ku vyiyumviro vya kera muri Amerika yo hagati.

Amerika yoba ikoze neza mu gihe yokubitiza amaso mu bumanuko, nk’uko agabisha, ikaraba ingene kubuza ubu burenganzira bishobora gutuma “abagore bimwa uburenganzira bwabo mu bihe nk’ibi”.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

El Salvador yabayemwo imyiyerekano mike cane y'abaharanira uburenganzira bwo gukoroza inda ugereranije n'ibindi bihugu bibanyi vyo muri Amerika y'ubumanuko

Hagati aho, guhindura ingendo muri El Salvador si ikintu kizokworoha.

Padre Vito Guarato ni ikigo c’irerero ry’abana batawe n’ababo muri San Salvador, abenshi muri bo bakaba bafise ubumuga kanaka.

Ana Lucia, umwana w’imyaka itanu aba aho hantu, afise ubumuga bwo kugira umutwe muto (microcephaly), ahantu abana basanzwe bavuka bafise agatwe gato, kumbure igashobora kuba ari indwara iterwa na wa mugera Zika virus.

Aryamye mu ndezo yiwe, azungurutswe n’ibikinisho yahawe, Ana Lucia akeneye kwama akurikiranwa amasaha 24 kuri 24.

Abamureze bakora ivyo bashoboye vyose kugira bamwiteho mu kumufasha kubaho ubuzima bwiza.

Ariko ukuri ni uko, bivanye n’uko abagore badafise uburenganzira bwo gukoroza inda, bamwe mu bavyeyi babura uko bagira bagaca bahitamwo guta abana babo.

Rosa Evelyn, umwe mu bajejwe ikigo c’irerero ry’abana cegukira isengero, avuga ati: “Nibaza ko abavyeyi bakwiye kwemera amabanga yabo”.

“Nimba Imana yaraguhaye akaryo ko kuba nyina w’abana, utegerezwa kumuba mu gihe cose Imana ibikwemereye”.

Uku niko abatari bake biyumvira muri kino gihugu kirwiriyemwo abakatorika.

Vyongeye, idini rigenda ryiyongera muri Amerika yo hagati ni ry’igiporotestanti rigendera ku njili (Évangélisme/Evangelicalism).

Insiguro y'isanamu,

Ibiharuro bimwe vyerekana ko ibice 40% vy'abanya Salvador ari abaporotestanti bagendera ku nyigisho z'injili

Uko rigenda rikura, niko rigenda ritsimbatara muri poritike, aho ivyiyumviro n’indangagaciro zishingiye ku njili bigenda vyiyongera mu nama nshingamateka.

Guillermo Gallegos, umwe mu vyegera vy’umukuru w‘inama nshingamateka, ariyamiriza bikomeye ugukoroza inda.

Ashimangira ko ivyo kudahana abakoroza inda bidashobora na gato kwemezwa n’inama nshingamateka, “n’aho umuvyeyi yoba ari mu vyago vyo gutakaza ubuzima”.

Avuga ati: “Mu gihe cose iki kiremwa gitoya kizoba gifise ubuzima, aha nja ku ruhande rwo kurokora umwana hakurokora ubuzima bwa nyina wiwe”.

Mw’ijambo yashikirije mw’isabukuru ry’imyaka itatu amaze ku butegetsi, Perezida Bukele yashimagije umugambi uhagarariwe n’umugore wiwe w’irondoka ryiza mu mavuriro yo muri El Salvador.

Hagati aho, ugukorora inda birabandanya bibujijwe, n’aho iyi nda yoba yavuye mu mibonano mpuzabitsina hagati y’abegeranye mu miryango (inceste) canke ugufata ku nguvu – iciyumviro ubu catsimbatajwe n’iyi ngingo ya Sentare nkuru ya Amerika.