Ubuzima bwa Whitney Houston mu mafoto

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa kabiri, 2012 - 17:04 GMT

Ubuzima bwa Whitney Houston

  • Umuririmvyi n’umukinyi w’ama cinema Whitney Houston yapfiriye mw’i hoteli Beverly Hilton i Los Angeles afise imyaka 48 y’amavuko. Icamwishe ntikiramenyekana.
  • Uwo murirmvyi n’umwe mu bahinga b’abagore bakunzwe cane kuruta abandi ibihe vyose. Yaranamenyekanye cane kubera ama cinema yakinyemwo nka The Bodyguard hamwe na Waiting to Exhale
  • Mu ndirimbo yaririmvye, izo Houston yasohoye mu myaka ya 80 na 90 zarabaye rurangiranwa cane. Ariko mu nyuma umwuga wiwe wahavuye wononwa n’ukunywa urumogi hamwe n’ingorane z’urugo rwa be n’umuririmvyi Boby Brown (i buryo) I .
  • Intango yo kuririmba kwa Houston n’umuziki wa soul n’indirimbo z’imana. Yatanguye kuririmba mw’isengero hanyuma aja mu vya mode imbere y’uko akorana na Arista Records.
  • Amaze gushika kw’isonga yr’umwuga wiwe mu myaka ya 80 na 90, yaratsindiye udushimwe twinshi nazo indirimbo ziwe zitari nke ziba rurangiranwa mu makungu harimwo nka I Will Always Love You na Didn't We Almost Have It All.
  • Nyina wa Houston Cissy Houston yaririmba indirimbo z’imana, akaba kandi yari mwenewabo w’umuririmvyi Dionne Warwick (I bubamfu ) , nawe rurangiranwa mu muziki wa soul Aretha Franklin akaba yari inakuru wiwe
  • Muri iyi myaka iheze, urumogi rwarifatiye ico camamare gushika naho ijwi ryiwe wohoze urumviriza ryononekara
  • Urupfu wa Houston rurononye cane amahiganwa y’udushimwe twa Grammy Awards tw’uno mwaka yabereye i Los Angeles ku wa mungu

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.