Dwain Chambers ashobora kuja muri Olympics 2012

Dwain Chambers Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Dwain Chambers

Hamwe ikirego c'ishirahamwe BOA (British Olympic Associtaion) coteshwa agaciro, umunonotsi Dwain Chambers ashobora kongera kwemererwa kuja mu mahiganwa y'uyu mwaka ya Olympic.

Dwain Chambers yari yabujijwe kuja mu mahiganwa mu kiringo c'imyaka ibiri kubera yasuzumwe bakamusangamwo anabolic steroids mu mwaka w'2003 .

Ubu yari mu mburano n'ishirahamwe rya Olympic ry'Ubwongereza, kw'itegeko ryashizeho rivuga ko umunonotsi adashobora kongera kwemererwa guhiganwa mu gihe yigeze gusuzumwa bagasanga akoresha imiti nka ben'iyo itemewe, yongera inkomezi.

Uwundi yari yarabujijwe gusubira mu mahiganwa ya Olympics ubuzima bwiwe bwose ni David Millar asiganwa n'ikinga.

Urwego rujejwe kuzuriza abafise amatati mu bijanye n'inkino, Court Of Arbitration for Sport(CAS) rwiteze gushikiriza ingingo y'urwo rubanza mu ndwi iza.

N'ubwo hagati yabo,abagize BOA biteze gutsindwa mur'uru rubanza, uwujejwe kumenyesha amakuru mur'iryo shirahamwe Darryl Seibel avuga ko ata makuru bararonka aturutse ku rwego rujejwe kubuzuriza, ku ngingo ruzofata.