Obama: 'Ntituzoshacoba kuber'iterabwoba'

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Perezida Barack Obama avuga ko Abanyamerika batazosha coba kubera igitero co ku munsi wa gatatu cagabwe muri California.

Mw'ijambo yama shikiriza kuri radio uko indwi itashe, bwana Obama yavuze ko umugabo n'umugore wiwe bagavye ico gitero ca San Bernardino, boba barahinduwe n'inyigisho bahawe, zikabatuma gukora iterabwoba.

Umurwi IS uvuga ko abawushigikiye ari bo bagavye ico gitero.

Ariko rero mu butumwa bwacishijwe kuri radio n'uwo murwi IS, ntaco wavuze cerekeye nimba wariko urakorana na Rizwan Farook n'umugore wiweTashfeen Malik bagavye ico gitero.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Abashingwamanza baserukira umuryango w'umugabo n'umugore bo muri leta ya California bishe abantu 14 bavuga ko baguye mu gahundwe.

Abo bashingwamanza bavuga ko umuyryango w'abo bantu 2 bari bubakanye, utibaza ko boshobora gukora ibintu nk'ivyo.

Syed Rizwan Farook n'umugore wiwe Tashfeen Malik, bagavye igitero ku bantu bo mu kigo ca San Bernardino bari mu munsi mukuru.

Ikigo kijejwe iperereza ku rwego rw'igihugu FBI, kimenyesha ko kiriko kirondera kumenya nimba ico gitero co ku munsi wa gatatu coba gifitanye isano n'iterabwoba.

Ariko FBI ivuga ko ata kimenyetso irabona cerekana ko hari abo boba bari bafatanije.

Igipolisi kiriko gisuzuma amaterefone abiri yononekaye cane, yatowe hafi y'aho abo bantu babiri baba.