Wenger: Twakinye neza na Barcelone

Ahavuye isanamu, Reuters
Arsenal ntirashika mu gice ca kane gishira ica nyuma kuva mu 2010
Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, aremera ko abakinyi biwe bavyifashemwo neza ku kibuga ca Nou Camp, n'aho batsinzwe 3-1 na Barcelone mu rukino rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo I Buraya.
Arsenal batsinzwe na Barcelone, ku bitego vyinjijwe na Neymar, Luis Suarez na Messi.
Igitego kimwe rukumbi baronse, cinjijwe na Mohamed Elneny.
Umugwi wa Arsenal nturashika mu gice ca kane gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo kuva mu 2010.
"Nibaza ko twakinye neza, rwari urukino rwiza hagati y'imigwi ibiri myiza. Tuvuye mw'ihiganwa n'akababaro ariko barafise ubuhinga bukomeye cane, na cane cane mu kwinjiza, ugize ikosa gato gusa inyuma, barashobora kukumerera nabi," uko ni ko Wenger yavuze inyuma y'urukino.

Ahavuye isanamu, Reuters
Suarez yinjiza igitego ku munota wa 65
"Igihe gikomeye c'urwo rukino, n'igihe banganya 1-1kubera nibajije ko bose bariko baratinyana. Iyo twatsinda igitego kigira kabiri muri ico gihe, ibindi nkeka vyari guhinduka. Ariko ntitwabishitseko."
"Muri izo nkino zose zibiri, uravye uburyo twaronse, bwari bwinshi cane, birababaza kuvanwamwo hakiri kare ariko twakinye neza cane n'umugwi bishoboka ko ari wo wa mbere ku mugabane wa Buraya."
Umugwi wa Arsenal watsinzwe 2-0 mu rukino rwa mbere ku kibuga ca Emirates, ibitego vyose vyinjijwe na Lionel Messi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Neymar yinjije igitego ca mbere ku munota wa 18
Ubu umugwi wa Arsenal uzosubira gukina ku musi wa gatandatu na Everton.
Igihe Barcelone izoba iriko irakina na Villa Real mw'ihiganwa ryo muri Espagne ku musi w'Imana, ni ho bazomenya uwo bazohura mu gice ca kane gushira ica nyuma muri tombora izoba iriko irabera mu gisagara ca Nyon, mu Buswisse.