Tennis: Djokovic ashaka abagabo bahembwe menshi

Ahavuye isanamu, EPA
Novak Djokovic
Umukinyi wa mbere kw'isi mu nkino za Tennis, Novak Djokovic, yinubiye ingingo yo gutanga amahera angana ku bahungu n'abakobwa muri uwo mukino, avuga ko bikwiye ko abahungu bahabwa menshi, kuko ngo ari bo bafise abakunzi benshi.
Inyuma yo gutsindira BNP Paribas muri India Wells, yavuze ko amahera bohabwa coringanishwa n'ico abakunzi babo muri izo nkino, bafise.
Mu misi iheze, umukuru w'ihiganwa rya Indian Wells Ray Moore, yavuze ko inkino za WTA zishoboka kubera igitigiri c'abakunzi b'izo nkino baza gushigikira abakinyi b'abagabo.
Ahavuye isanamu, AFP
Serena Williams
Djokovic yavuze ko ivyo yashikirije atari vyo.
Uwo mukinyi wa Serbiayavuze ko abapfasoni barwaniye ico bashaka kandi bakagishikako, ko rero n'abakinyi b'abagabo bategerezwa kugwanira uburenganzira bwabo gusumba.