Van Gaal: Man United ishobora kuja mu migwi ine ya mbere

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza Louis Van Gaal
Umumenyereza wa Manchester United, Louis Van Gaal, yavuze ko intambara uwo mugwi uriko uragwana yo kuja mu migwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya, yari kurangira iyo batsindwa n'umugwi wa Manchester City, ubu rero yemera ko bashobora kuja mu migwi ine ya mbere.
Igitsindo ca Marcus Rashford ni co cahaye intsinzi umugwi wa Man United ku bakeba babo ba Man City ku musi w'Imana.
Abo bakinyi bamenyerezwa na Van Gaal bari mu kibanza ca gatandatu ariko bari inyuma ya Man City inota rimwe bari mu kibanza ca kane.
"Umwanya uri hagati yacu wari kuba munini iyo twanganya canke twatsindwa, vyociye bitugora gusumba", uko ni ko uwo mumenyereza yavuze. Ubu rero kazoza kacu kari mu minwe yacu, ni ngombwa ko tubandanya gutsinda.
"Dufise inkino nyinshi tuzokinira iwacu, ugereranije n'inkino tuzokinira hanze, kandi si kenshi dutsindirwa ku kibuga cacu ca Old Trafford, kubera ivyo rero turafise amahirwe."