Inkino z'igikombe ca Afrika 2017 zirabandanya uyu musi

Umugwi nserukiragihugu wa Ghana
Insiguro y'isanamu,

Umugwi nserukiragihugu wa Ghana

Inkino zo gukuranamwo z'igikombe ca Afrika c'umwaka wa 2017 kizokinirwa mu gihugu ca Gabon, zirabandanya uyu musi.

Mu mugwi A, Djibouti iza kwakira igihugu ca Liberia

Ghana bazwi kw'izina rya Black Stars bari mu mugwi wa H baza gutana mu mitwe na Mozambique bazwi kw'izina rya Mamba.

Amazinga ya Comeres aza guhura na Botswana mu gihe Madagascar bazoba bariko baranyinyurana na Centrafrique.