Mourinho aritegurira kumenyereza Man Utd

Ahavuye isanamu, Nick Potts/PA Wire
Jose Mourinho
Uwahoze ari umumenyereza wa Chelsea, Jose Mourinho, bivugwa ko yatanguye kwitegura kumenyereza umugwi wa Manchester United, mu gihe yosubirira Louis Van Gaal.
Mu nkuru zitangwa n'ikinyamakuru Don Balonna, Mourinho ashaka kugura abakinyi batatu.
Uwo mumenyereza yatanguye kwitegurira kugura abakinyi, mu gushira ku rutonde abakinyi benshi karuhariwe ku rutonde rwabo akeneye harimwo umukinyi w'imbere Gonzalo Higuain, umukinyi wo hagati wa Real Madrid, James Rodriguez n'umukinyi wa Juventus Alvaro Morata.
Mourinho yarigeze kumenyereza Higuain igihe yari muri Madrid na United baramaze kwerekana ko biteguye kuriha imiliyoni 58 kugira bazane uwo mukinyi wa Argentine.
Man United bizobagora kuronka Morata kuko Madrid iriteguye kumugura kandi nk'uko amasezerano abivuga, kugira bamugurishe ku mahera menshi gusumba. Mu gihe Rodriguez vyitezwe ko ava muri uwo mugwi mu ci, kubera kubura akanya ko gukina.