Imakipe y'akarere yavyifashemwo neza muri CAN

U Rwanda bwabaye ubwa mbere mu mateka rutsinda ibitego 5-0
Ikipe y'umupira w'amaguru y'u Rwanda, Amavubi, yatsinze Iles Maurice 5-0 mu gihe Intamba zo mu Burundi zatsinze Namibia 3-1 mu nkino zo guhiganirwa kuja mu gikombe ca Afrika.
Yaba u Rwanda canke u Burundi, zose zari zatsinzwe mu nkino za mbere, aho u Rwanda rwatsindwa na Iles Maurice 1-0, u Burundi nabwo butsindwa na Namibia 3-1 nyene mu nkino zabaye kuwa gatandatu.
Uno munsi iyo migwi y'ibihugu bibanyi yari yakajije umukenyuro, u Rwanda mbere rukaba rwaronse intsinzi rutari bwabone mu mateka, mu gutsinda 5-0.
Ubu u Rwanda ni urwa kabiri mu itsinda H, rufise amanota 6 na Mauritius ifise 6, ariko u Rwanda ruzigamye ibitego vyinshi; Ghana ikaba ari iya mbere n'amanota cumi.
U Burundi ni ubwa kabiri mw'itsinda K bukaba bufise amanota atandatu co kimwe na Namibia, iya mbere ni Senegal ifise amanota 12, ikaba imaze kwizera kuzoja mu gikombe ca Afrika 2017 muri Gabon.
I Kampala muri Uganda, urukino rwahuje Uganda Cranes na Burkina Faso rwaheze zinganije 0-0.