Remi Garde yakuye akarenge muri Aston Villa

Remi Garde

Ahavuye isanamu, Martin Rickett/PA Wire

Insiguro y'isanamu,

Remi Garde

Umumenyereza w'umugwi wa Aston Villa, Remi Garde, yavuye muri uwo mugwi ku mwumvikano bagiriraniye n'uwo mugwi, inyuma y'imisi 147 yari amaze amenyereza uwo mugwi uri mu ya nyuma mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Remi Garde w'imyaka 49, yari yasubiriye Tim Sherwood mu masezeren y'imyaka itatu n'igice, ariko ahavuye amaze gutsindwa incuro zitandatu zikurikiranya.

Urukino rwiwe rwa nyuma yarutsinzwe na Swansea 1-0, kw'itariki 19 mu kwezi kwa gatatu, ubu villa ikaba isumvya iya nyuma amanota 12 gusa.

Villa yatsinze inkino zibiri gusa mu nkino 20 bamenyerezwa na Garde.

Itangazo ry'uwo mugwi, ryashimiye cane mumenyereza yahoze akinira Arsenal, mu kazi kiwe mu gihe kitoroshe, bavuga ko Erick Black ariwe azoba aramusbirira muri ayo mabanga vy'agateganyo.

Iyo ngingo yo kuvavanura na Garde, ukurikiye imisi umunani z'ibiganiro vyarangiye ku musi wa kabiri.