Gary Neville yirukanywe muri Valencia

Ahavuye isanamu, Getty Images
Neville yari yagenywe kuba umumenyereza wa Valencia mu kwezi kwa cumi na kabiri
Uwahoze ari umukinyi w'inyuma wa Man United, hamwe n'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Gary Neville, yasezerewe mu mabanga yiwe yo kumenyereza umugwi wa Valencia wo muri Espagne, inyuma y'amezi ane gusa agiye muri ico kibanza.
Uwo mumenyereza w'imyaka 41, ari mubamenyereza b'umugwi w'Ubwongereza yari yahawe ako kazi mu kwezi kwa cumi na kabiri.
Valencia bamaze gutsinda inkino zitatu gusa muri 16 bakinye ari we abamenyereza, hamwe n'inkino 10 muri 28 muri rusangi mu nkino zose.
Neville yavuze ko yashaka cane kuguma muri Valencia ariko ko uko uwo mugwi uriko uravyifatamwo n'uko bari bavyiteze atari vyiza namba.
Yongeyeko ko azi neza ko "turi mu ntambara yo kuraba intambwe umugwi uba wagize."
Mutoyi wiwe, Phil, ari mu bamenyereza na we nyene b'uwo mugwi wa Valencia azobandanya ako kazi.
Neville yatanguye gusabwa ko atanga imihohpo inyuma y'aho uwo mugwi utsindiwe ibitego 7-0 na Barcelone mu rukino rwa mbere rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma c'igikombe ca Copa del Rey mu kwezi kwa kabiri.