Liverpool n'amahirwe yo kubandanya muri Europa League

Dovock Origi abangamiye abakinyi b'inyuma ba Borussia Dortmund

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Liverpool ifise amahirwe yo kubandanya nyuma y'igitsindo ca Dovock Origi

Divock Origi yahaye amahirwe menshi Liverpool mu kwinjiza igitsindo ku kibuga ca Borussia Dortmund mu rukino rwa mbere rw'ica kane c'ihiganwa Europa League

Uwo rutahizamu w'Umubirigi yinjije mu rukino umumenyereza wiwe, Jurgen Klopp, yari agarutse ku kibuga c'ikipe yahora amenyereza.

Umunyegoli wa Dortmund, Roman Weidnfeller, yagomvye gukora iyo bwabaga kugira azibire uwundi mupira wa Origi bahuye ari babiri gusa.

Mats Hummels yinjije n'umutwe ico kwishura ca Dortmund, uwo mugwi uca ugerageza kurondera ic'intsinzi ariko Liverpool yihagararako.

Ukwo kunganya kurumvikana kuko Dortmund, isanzwe ariyo ihabwa amahirwe yo gutwara igikombe ca Europa League, yihariye umupira ariko umukenyuro wa Klopp watumye Liverpool inanirana, Dortmund ironka amahirwe makeyi cane yo kwinjiza.