Polisi yugarije ibiro vya Nigeria FA

Ahavuye isanamu, other
Polisi yugarije ibiro vya Nigeria FA
BBC yamenye ko abajejwe umutekano bazengurutse ibiro vy'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Nigeria mu murwa mukuru Abuja
Abasirikare n'abapolisi bajejwe guhosha imigumuko nibo bacunze amarembo y'ico kigo.
Ivyo bikurikiye urubanza rwaciwe mu ndwi iheze, rwagenye ko umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Nigeria NFF Amaju Pinnick, abwirizwa gusubirizwa na Chris Giwa yatowe mu kwa cenda mu 2014.
Giwa n'umugwi wiwe uyu munsi bavuga ko bagiye kuja muri ico kibanza ca NFF bahagume batangure kuhakorera.
Ishirahamwe NFF ryarunguruje ku ngingo y'urubanza, aho bavuga ko Pinnick ariwe akiramutswa ishirahamwe NFF.
Icatumye igipolisi kuba arico gicunga ivyo biro n'ubu ntikiramenyekana.
Nigeria ishobora kugira ibibazo vyo guharirwa ivomo na FIFA, bigashobora kubangamira icizere bari bafise co kubona igikombe c'isi yose.