Barcelona yavuye mw’ihiganwa rya Champions League

Barcelona

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Lionel Messi (ibumoso) yananiwe gutsindira igitego Barcelona ku nshuro ya gatanu yikurikiranya

Umugwi wa Barcelona wavuye mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwayo ku mugabane w'Uburaya, utsinzwe na Atletico Madrid 2-0.

Umugwi w'umupira w'amaguru wa Barcelona, wakuwe mw'ihiganwa inyuma yo gutsindwa ibitego 2-0 na Atletico Madrid, ibitsindo vyose bikaba vyinjijwe n'umufaransa Antoine Griezmann.

Atletico ironse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma itsinze ibitsindo 3-2, kuko mu rukino rwa mbere Barcelona yari yatsinze 2-1 ca Atletico Madrid.

Mu rundi rukino, Bayern Munich ni yo yaronse uburenganzira bwo kuja muri kimwe ca kabiri c'iryo higanwa inyuma yo gutsinda ibitego 3-2 umugwi wa Benfica muri rusangi, mu rukino rw'ejo bakaba baranganyije 2-2.

Ibitsindo vya Benfica vyinjijwe na Raul Alonso Rodriguez na Anderson Souza Conceicao, mu gihe ivya Bayern Munich vyatsinzwe na Arturo Vidal hamwe na Thomas Muller.

Atletico Madrid na Bayern Munich zije ziyongera kuri Real Madrid na Manchester City mu zigiye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Uko iyo migwi izohura bikaba bizomenyekana ku musi wa Gatanu.