Juventus yatahukanye ikibanza ca mbere muri Serie A

Abakinyi ba Juventus Uwufise ububasha kw’isanamu UPA
Image caption Ikipe ya Juventus niyo yatahukanye igikombe ca Serie A yo mu Butaliyano

Umugwi wa Juventus watahukanye ikibanza ca mbere muri Serie A mu Butaliano ku ncuro ya gatanu wikurikiranya.

Iyo ntsinzi yabonetse inyuma y'aho umugwi uza mu kibanza ca kabiri mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano, Naples, utsindiwe 1-0 na AS Roma ku kibuga ca Stadio Olimpico mu gisagara ca Rome.

Juventus batsinze Fiorentina ibitego 2-1, ikaba yari ikeneye inota rimwe gusa kugira itahukane intsinzi mw'ihiganwa ry'uyu mwaka, ariko itsindwa rya Naples, vyerekanye ko birangiye badashobora kubahamvya mu gihe hasigaye inkino zitatu.

Juventus ubu ifise amanota 85, bagakurikirwa na Naples bafise amanota 73 hanyuma AS Roma mu kibanza ca gatatu n'amanota 71.

Gutahukana iyo ntsinzi muri uyu mwaka, Juventus barerekanye ubuhinga bukomeye kuko mu kwezi kwa cumi itariki 28, bari mu kibanza ca 12, bari inyuma amanota 11 umugwi wari kw'isonga ico gihe muri Serie A.

Ariko inyuma y'aho, Juventus yaratsinze inkino 24 kuri 25 zakurikiye mw'ihiganwa yongera inganya rimwe gusa.

Muri urwo rukino igitego c'intsinzi ca AS Roma cinjijwe ku munota wa 89 na Radja Nainggolan, kubera uguhererekanya neza umupira hagati y'umukinyi wa kera cane Totti, Pjanic na Mohamed Salah.

Ibindi bisa n’ibi