Leicester City yateye iyindi ntambwe yegereza igikombe

Urukino rwa Leicester City na Manchester United Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Leicester ntiyashoboye gutwarira igikombe i Oldtrafford

Leicester City ntiyatwariye igikombe i Oldtrafford nk'uko yabiziga mu gihe yanganije na Manchester United 1-1, ariko iracafise amahirwe menshi.

Manchester United yatanguranye urukino ingoga nyinshi, irasatira cane izamu rya Leicester City bikagaragara ko yayiteye icoba.

Ukwo gusatira kwa United mbere kwaje no kuvamwo igitsindo ku munota wa munani cinjijwe na Martial, ku mupira watewe na Antonio Valencia.

Manchester yabandanije gusatira, iminota mirongo itatu yose ihera ariyo yiharije umupira, mbere ikaba yari no kuronka ica kabiri iyo umunyegoli wa Leicester, Kasper Schmeichel, atari gukuramwo umupira watewe neza na Lingard.

Leicester City ntiyareze amaboko kuko ku munota wa 17 yaronse igitsindo cinjijwe n'umutwe na Morgan.

Igice ca kabiri amakipe yombi yaje ashaka kwinjiza ica kabiri, yose arasatira ariko Machenster United niyo yagumije umupira cane, mbere ikaba yari kuronka na penalti aho Drinkwater yatega Memphis Depay.

Drinkwater vyamuviriyemwo kuronka ikatara y'umuhondo ya kabiri, aca ahabwa iyitukura asohorwa mu rukino, rwaheze banganije 1-1.

Ubu bisigura ko Leicester City igomba kurondera ayandi manota abiri kugira ironke igikombe, canke Tottenham igatsindwa na Chelsea mu rukino rw'ejo ku mugoroba.

Ibindi bisa n’ibi