Mourinho yumvikanye na Dr Eva Carneiro

Dr Carneiro yari yareze Chelsea ko yarenganijw emu kazi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Jose Morinho yumvikanye na Dr Carneiro batarinze kuburana

Jose Mourinho na Dr Eva Carneiro ntibiriwe baraja mu rubanza uyu mugangakazi yari yabareze ko yarenganijwe akirukanwa mu kazi, biyumvikaniye hagati yabo.

Chelseayasavye imbabazi Dr Carneiro inamwifuriza amahirwe mu mwuga wiwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Jon Fearn na Eva Carneiro baneguwe na Morinho igihe Clelsea yanganya na Swansea

Mw'itangazo ryiwe Dr Carneiro yiruhukije kubona urwo rubanza rurangiye.

Yari yaranse amafaranga uwo murwi wari wemeye kumuriha, agera kuri miliyoni 1.2 z'ama dolari.