Nigeria yabuze uwundi mumenyereza, Amodu Shuaibu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amodu Shuaibu apfuye ata minsi ishize Nigeria ibuze uwundi mumenyereza
Amodu Shuaibu abaye uwa kabiri mu bahoze ari abamanyereza b'umurwi wa Nigeria, yitavye Imana mu kiringo c'indwi imwe.
Akwirikiye Stephen Keshi nawe yitavye Imana ku munsi wa gatatu.
Amodu Shuaibu yabaye rurangiranwa cane igihe yamenyereza umurwi 'BCC Lions', akawushikana ku gutwara igikombe c'ishirahamwe ry'imirwi y'umupira w'amaguru rya Nigeria, n'igikombe ca Afrika c'imirwi yabaye iya mbere iwabo mu 1989.
Yatwaye umurwi nserukiragihugu wa Nigeria mu 1994, aho yawushikanye mu gice ca nyuma c'igikombe c'isi mu 2002 no mu 2010, n'ubwo atari we yaba ari kumwe n'uwo murwi mu mahiganwa ubwayo.
Yahakanye gusubira kuba umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu ubugira gatanu mu kwezi kwa kabiri kw'uyu mwaka, kubera imvo z'amagara.