Ubuswise butsinze Albania 1-0 mu nkino za Euro2016

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bubaye ubwa kabiri Ubuswise buja imbere mu rukino rw'igikombe ca Bulaya
Abakinyi ba Albania bari bagiye ubwa mbere mu gikombe ca Bulaya, batanguye kumerereza igihe umunyegori Etrit Berisha yasa n'uwusuzuguye umupira wa Xherdan Shaqiri yahereje Fabien Schar, awukuye mu nfuruka, igitego kiba kirinjiye.
Igitego c' Ubuswise cagyemwo ku munota wa gatanu urukino rutanguye.
Mu nyuma Armando Sadiku yahonvye amahirwe, imbere y'uko kapiteni Lorik Cana ahabwa ikarata y'umuhondo kubera gukora ku mupira.
Ubuswise bubaye ubwa kabiri inyuma y'umurwi w'Ubufaransa mw'itsinda A, bwaraye butsinze Roumania 2-1 mu rukino rwatanguje aya mahiganwa ejo.
Abatari bake mu bakinyi ba Swise bafise amamuko muri Slovakia canke Kosovo, nka Granit Xhaka.
Muri kano kanya Pays des Gales irahura na Slovakia, nayo Ubwongereza buhure n'Uburusiya.