Italie 1-0 Belgique

Emanuele Giaccherini mu kanyamuneza Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igitego ca Giaccherini ku monota wa 32

Mu nkino zimaze kurangira mu zo guhiganirwa igikombe ca Bulaya uno munsi, Espagne yatsinze Republique Tcheque 1-0

Igitego ca Espagne catejwe umutwe na Gerard Pique, bageze ku monota wa 8, muri urwo rukino rwabereye i Toulouse.

Mu rukino rwa kabiri uno munsi rwabereye kuri Stade de France mu gace ka Saint-Denis, Republika ya Irelande yanganije na Swede.

Muri kano kanya Ububirigi buracatana mu mitwe n'Ubutaliyano mu rukino rusozera uno munsi, ruriko rubera ku kibuga ca Lyon, aho Ubutaliyano bumaze kuronka 1-0 bwa Ububirigi.