Liverpool ishaka kugura Sadio Mane wa Southampton

Ahavuye isanamu, Getty Images
Liverpool ishaka kugura Sadio Mane imiriyoni 30 z'amahera y'Ubwongereza
Liverpool yashize imbere Sadio Mane wa Southampton mu bakinyi igomba kugura rino ci ikaba yiteguriye gutanga amahera ashika imiriyoni 30 z'ama pound.
Umumenyereza wa Liverpool, Jurgen Klopp, ashaka gukomeza imbere hiwe akaba yiteguriye kugura Mane amahera menshi ashoboka Liverpool imaze kugura umukinyi mu mateka yayo.
Liverpool na Southampton zizobandanya kuvugana ku vyerekeye uwo mukinyi w'imyaka 24, amahera akaba ari co kintu nyamukuru kizoganirwako.
Southampton ishobora gusaba imiriyoni 40 kuri uwo mukinyi yinjije ibitsindo 11 mu mikino 37 ya Premier League mw'ihiganwa riheze.
Ni kuvuga imiriyoni 10 zirenze kuyo Liverpool ishobora gutanga, bigasigura ko kuganira bigifise intambwe ndende zo gukurikiza.
Ico gikorwa kandi gishobora guteba bitewe n'uko Southampton ata mumenyereza ifise ubu, nyuma y'aho Ronald Koeman agiriye muri Everton.