Ubufaransa mu ca kane c'igikombe ca Buraya, Euro 2016

Antoine Griezmann

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Ibitsindo bibiri vya Antoine Griezmann vyashikanye Ubufaransa mu ca kane ca Euro 2016

Ikipe nserukiragihugu y'Ubufaransa igiye mu ca kane c'igikombe c'ihiganwa ry'umupira w'amaguru ryo ku mugabane wa Buraya, Euro 2016, mu gutsinda Republika ya Irlande 2-1

Ubufaransa busanzwe aribwo bwakiriye iri higanwa, bwivyukiranye buva kuri kimwe ku busa bwari bwatsinzwe na Republika ya Irlande, urukino ruhera ari 2-1.

Igitsindo ca Irlande cinjijwe na Robbie Brady kuri penaliti yateye neza cane, nyuma y'ikosa ryakorewe Shane Long ku munota wa kabiri w'urukino.

Amakipe yombi yagiye kuruhuka ata kindi gitsindo cinjiye.

Mu gice ca kabiri, Ubufaransa bwaje bwakenyereye urugamba, ku munota wa 58, Antoine Griezmann yinjiza ico kwishura c'Ubufaransa ateye n'umutwe, imbere y'uko yinjiza n'ica kabiri c'intsinzi.

Ubufaransa bushobora kuzohura na Iceland canke Ubwongereza, nyuma y'urukino ayo makipe azokina kuwa mbere.