Wales irahura na Portugal muri 1/2

Gareth Bale arahura na Cristiano Ronaldo basanzwe bakinana muri Real Madrid

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Wales ihura na Portugal

Umurwi wa Wales bubaye ubwa mbere kuva mu 1958, ushika kuri uru rugero mw'ihiganwa rikomeye nk'iri ry'igikombe ca Bulaya ca 2016.

Umurwi wa Wales umaze gutsinda imikino ine kuri itanu.

Mu rukino rw'uno munsi ruza guhuza umukinyi wa wales Gareth Bale n'uwo bari kumwe mu murwi wa Real Madrid Cristiano Ronaldo, babonwa nk'abakinyi ba mbere bakomeye kw'isi muri kino gihe.

Uru rukino kandi rugira indwi mu zikomeye zo mu gice ca 1/2 kuri Portugal, rukaba rugira kane kuri bo mu mahiganwa aheze y'igikombe ca Bulaya.