Serena yatsinze ihiganwa rya Wimbledon

Ahavuye isanamu, AP
Serena Williams yatsinze ihiganwa rya Wimbledon ubwa mbere mu 2002
Umunyamerikakazi Serena Williams, yatahukanye intsinzi mw'ihiganwa rya Tennis Wimbledon, ubu yashikiriye umuhigo wa Steffi Graf, w'ibikombe 22 vy'amahiganwa ya Grand Slam.
Yatsinze Umudagikazi Angelique Kerber 7-5, 6-3, aho yatahukanye intsinzi mu mahiganwa ya Wimbledon ku ncuro igira indwi.
Azoca akinana na mwene wabo Venus mu rukino rwa babiri babiri, mu mahiganwa y'abagore.