Uganda izokwakira inkino za mbere za Cecafa z'abagore

Ahavuye isanamu, other
Ibendera rya Uganda
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Uganda -Fufa ryemeje ko rizokwakira inkino za mbere z'umupira w'amaguru zo guhiganirwa igikombe ca Cecafa c'uyu mwaka ku bagore zizotangura mu kw'icenda.
Inkino zo guhiganirwa ico gikombe zizobera mu muji wa Kampala hagati y'amagenekerezo ya 11 na 24 z'ukwezi kwa cenda.
Imirwi ya Kenya Tanzania, Sudani na Sudani y'epfo, Uburundi, Urwanda na Ethiopia ndetse na Uganda izoba yakiriye izo nkino, iri mu mirwi izokina.
Eritrea, Zanzibar, Somalia na Djibouti ntiziremeza nimba zizoja muri iryo higanwa.
Namibia, Zimbabwe na Malawi navyo vyasavye kwakira zimwe mu nkino z'iryo higanwa.
Umukuru wa Fufa Moses Magogo yabwiye BBC ko urwo rwego ruriko ruregeranya uburyo "kugira izo nkino zizogende neza".