Frank Lampard: Umukinnyi wa New York City yatsinze ibitego bitatu.

Frank Lampard

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

New York City yashinzwe muri 2013 Lampard ayijyamo muri 2015

Frank Lampard yatsinze imbumbe y'ibitego bitatu ku nshuro ya mbere, bita 'hat-trick', igihe ikipe ye ya New York yatsindaga Colorado Rapids 5-1.

Rapids yakinnye ifite abakinnyi 10 nyuma y'uko Michael Azira aherewe ikarita itukura. Umutaliyani ukina mu bo hagati, Andrea Pirlo, w'imyaka 38, yahaye umupira Lampard ku gitego cye cya mbere.

Lampard wakiniraga Chelsea yatsinze ibindi bitego bibiri mu minota ya nyuma y'umukino nyuma y'uko Tony Taylor na Steven Mendoza batsindiye.

Yagize ati:

"Nzi ko aya ari amateka magufi ariko ni igikorwa gikomeye kuri jye."

"Ndishimye pe. Ndi gukina neza, ndiyumva neza kandi nyine ngatsinda n'ibitego."

Shkelzen Gashi yatsinze mu minota y'inyongera ku ikipe ya Rapids yari imaze imikino 15 yikurikiranya idatsindwa.

New York City yashinzwe mu mwaka wa 2013 ku bufatanye bw'ikipe ya Baseball ya New York Yankees na Manchester City yo mu Bwongereza.

Lampard yamaze igihe kirekire yaravunitse ndetse aza no kuzomerwa n'abafana be mu mukino ikipe ye yatsinzwe na New York Red Bulls ibitego 7-0 mu kwa Gatanu.

Ariko uyu mukinnyi w'Umwongereza wasinyiye ikipe muri 2015, amaze gutsinda inshuro umunani mu mikino irindwi iheruka.