Paralempike: Umunonotsi umwe rudende ni we azoserukira u Burundi.

Remy Nikobimeze yiruka imetero amajana umunani, igihumbi n'amajana atanu hamwe n'ibihumbi bitanu
Image caption Remy Nikobimeze yiruka imetero amajana umunani, igihumbi n'amajana atanu hamwe n'ibihumbi bitanu

Mu gihe inkino mpuzamakungu z'abagendana ubumuga canke 'Paralympique' zimirije gutangura mu ndwi imwe mu kwezi kuza mu gisagara ca Rio muri Brezil, mu Burundi hari ikibazo c'ukurungika umunonotsi umwe rudende azoserukira ico gihugu muri izo nkino.

Yategerezwa kuba amaze iminsi ibiri yarashitse i Rio, ariko n'ubu uburyo bw'ingene azogenda buracariko buraronderwa.

Mu biro vya komite paralympique batijwe n'ubushikiranganji bujejwe inkino, Jules Niyondiko, arongoye iyo komite n'abo bakorana baguma barindiriye inkuru nziza ko uburyo bwabonetse bwo kurungika Rio umunonotsi umwe azoserukira Uburundi n'abategerezwa kugenda bamuherekeje.

Ku wa Gatatu ku mugoroba, Jules Niyondiko, avuga ko bararanye inkuru nziza ko amafaranga yo kuba bararungitse uwo munonotsi n'umumenyereza wiwe ari mu nzira yo kuboneka, ariko umunsi wo gufata indege nturamenyekana n'ubwo bizigiye ko azoshikayo imbere y'uko inkino zizatanguzwa icese kw'itariki indwi.

Uwo munonotsi nawe azoserukira Uburundi ni Remy Nikobimeze. Uwo musore w'imyaka 27 acitse ukuboko kw'iburyo yiruka imetero amajana umunani, igihumbi n'amajana atanu hamwe n'ibihumbi bitanu. Ariko uyu mwaka imitero ibihumbi bitanu ntizizoba ziri mw'ihiganwa co kimwe no mu nkino nk'izo zabereye Londres mu 2012.

Mbere niho aherukira amahiganwa mpuzamakungu, akaba arinze yitaba inkino za Rio inyuma y'imyaka ine yimenyerereza mu Burundi gusa naho nyene kubera ikibazo c'uburyo. Ariko arizigiye ko ashobora gutahukana umudali.

Ku bw'umukuru wa Paralympique Jules Niyondiko, inkino z'abagendena ubumuga mu Burundi ziracari inyuma kuko n'uwo mugwi ukuri inyuma no mu bindi bisata vy'ubuzima.