Barcelona yatsinzwe n'ikipe izamutse vuba

Luis Enrique

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umutoza Luis Enrique yagejeje Barcelona ku bikombe bya shampiyona kuva muri 2014.

Mu mupira w'amaguru muri shampiyona yo muri Espagne ikipe ya Barcelona yatunguye benshi itsindwa 2-1 n'ikipe izamutse mu kiciro cya mbere vuba ya Alaves.

Umutoza wa Barcelona, Luis Enrique, aravuga ko ariwe ugomba kubiryozwa.

Enrique yahinduye abakinnyi barindwi muri 11 baherutse gutsinda ikipe ya Real Betis 6-2 mu mukino uherutse wa shampiyona.

Lionel Messi, Luis Suarez na Andres Iniesta yabakinishije nk'abasimbura.

Ubu ni inshuro ya gatanu umutoza Enrique atsindirwa ku kibuga cye mu myaka ibiri amaze ari umutoza wa Barcelona.

Uku gutsindwa kubaye hasigaye iminsi itatu ngo Barcelona ihure na Celtic mu mukino wa mbere wo mu matsinda mu irushanwa ry'igikombe cy'Uburayi.