Wawrinka yatahukanye igikombe ca US Open

Iyo ntsinzi ya US Open yiyongereye ku ya Autralia Open muri 2014 na French Open muri 2015

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Iyo ntsinzi ya US Open yiyongereye ku ya Autralia Open muri 2014 na French Open muri 2015

Umunye Suisse, Stan Wawrinka yaraye atahukanye igikombe ca US Open ku ncuro ya mbere, inyuma yo gutsinda mu rukino rwa nyuma Novak Djokovic ku maseti 6-7 6-4 7-5 6-3.

Wawrinka w’imyaka 31, ari mu kibanza ca gatatu c’abakinyi beza kw’isi ba tennis, yatsinze Djokovic aza mu kibanza ca mbere, ubu rero muri rusangi akaba akwije intsinzi za Grand Slam 3, ariko akaba atatsinda na rimwe Wimbledon.