Europa League: Man Utd 0-1 Feyenoord

Ahavuye isanamu, REUTERS
Rubaye urukino rugira gatandatu Feyenoord batsinze bikurikiranya
Manchester United berekanye umukino utanejereje mu rukino rwa mbere muri Europa League aho batsinzwe na Feyenoord 1-0.
Jose Mourinho yahinduye abakinyi umunani mubari batsinzwe na Manchester City.
Umupira umwe rukumbi watewe na Anthony Martial hanze y’izamu, ni ko karyo konyene baronse ko gushaka kwinjiza mu gice ca mbere.
Zlatan Ibrahimovic yaragomboye, araronka akanya ko guteza umutwe ariko umupira uca uja hanze.
Ahavuye isanamu, Rex FEATURES
Paul Pogba nta co yashoboye gufasha umugwi wiwe
Igitsindo ca Feyenoord cinjiye ku munota wa 79.
Ibrahimovic habuze gato ngo agombore, ariko uwahoze ari umunyegori wa Liverpool, Brad Jones, ubu asamira Feyenoord, amubera ibamba.
Uku gutsindwa kubaye ukugira kane bikurikiranya uwo mugwi uriko urakinira mu bindi bihugu, ibintu bibaye ubwa mbere mu mateka y’uwo mugwi.
Ahavuye isanamu, REX FEATURES
Mourinho yari yahinduye abakinyi umunani mu baheruka gutsindwa na Man City
Manchester United bakinye babura umukinyi wabo w’imbere, Wayne Ronney.
Manchester United bazosubira gukina ku musi w’Imana mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, aho bazotana mu mitwe na Watfrod.