Manchester United itsinzwe gatatu yikurikiranya

Juan Zuniga wa Watford yigina igitsindo ca kabiri yari amaze kwinjiza Uwufise ububasha kw’isanamu All Sports Getty Images
Image caption Juan Zuniga wa Watford yigina igitsindo ca kabiri yari amaze kwinjiza

Ku buryo butamenyerewe kuri iyi kipe y'umupira w'amaguru yo mu ciciro ca mbere mu Bwongereza, Manchester United yatsinzwe ubugira gatatu yikurikiranya.

Ku kibuga ca Watford, ikipe yo mu buraruko bwa London, Manchester United yatsinzwe 3-1, mu rukino rwagaragara ko irusha gatoyi Watford uravye ibiharuro.

Watford yinjije ica mbere ku munota wa 34, cinjiwe na Etienne Capoue ahawe umupira na Darryl Janmaat, nyuma yaho Anthony Martial wa United yakiwe umupira ari hafi y'igoli.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP Getty
Image caption Manchester United yatsinzwe mu gihe ariyo yasa niyihariye urukino

Manchester United yaje kwishura ku munota wa 62 mu gice ca kabiri, aho Marcus Rashford yinjiza umupira uvuye ku mukinyi w'inyuma wa Watfrod, ananiwe kugarura umupira watewe neza na Ibrahimovic, biba 1-1.

Kuva ubwo United yihariye urukino ariko ntiyashobora kwinjiza ica kabiri, biza ahubwo guhira Watford yakironse ku munota wa 82 cinjijwe na Juan Zuniga.

Umunsi mubi wa United wunyuwe n'igitsindo ca gatatu cinjiye kuri penaliti, yabonetse kw'ikosa rya Marouane Fellaini kuri Juan Zuniga, penaliti ica yinjizwa na kapitene wa Watford, Troy Deeney.

Ni ubugira gatatu Manchester United itsinzwe yikurikiranya, nyuma yo gutsindwa na Manchester City 2-1 mu ndwi iheze muri Premier League nyene, hamwe na Feyenoord muri Europa League.