Man Utd izohura na Man City mu gikombe ca EFL

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Man City bazohura na Man Utd mu gikombe ca EFL mu gice ca kane gishira ica nyuma
Imigwi ya Man United na Man City izotana mu mitwe mu gice ca kane gishira ica nyuma mu gikombe ca EFL ku kibuga ca Old Trafford.
Man United batsinze Northampton ibitego 3-1 ku musi wa gatatu, mu gihe City batsinze Swansea ibitego 2-1.
Mu zindi nkino, umugwi wa West Ham uzokwakira uwa Chelsea, mu gihe Tottenham bazoja gukina na Liverpool.
Imigwi izonganya izoca isubira guhura itariki 24 z’ukwezi kw’icumi.
Abamenyereza Pep Guardiola wa ma Man City na Josee Mourinho na Man Utd
City ni bo bafise igikombe giheruka inyuma yo gutsinda Liverpool kuri penalty.
Uko iyo migwi izohura:
West Ham - Chelsea
Manchester United - Manchester City
Arsenal - Reading
Liverpool - Tottenham
Bristol City - Hull
Leeds - Norwich
Newcastle - Preston
Southampton - Sunderland