Ranieri: Ivyo twapfa na Mourinho biri muri kahise

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Ranieri avuga ko Mourinho ari umumenyereza mwiza, ivyo bapfa biri muri kahise
Umumenyereza wa Leicester, Claudio Ranieri avuga ko Jose Mourinho “ari umuntu mwiza” ko ivyo bapfa ubu biri muri “kahise”.
Uwo mugwi ufise igikombe co mu mwaka uheze bazokina na Man United ku kibuga ca Old Trafford ku musi wa gatandatu, abamenyereza b’iyo migwi bakaba barigeze guterana amajambo muri kahise.
Mourinho yise Ranieri “umumenyereza adatsinda” inyuma yo kumusubirira muri Chelsea, aranongera kumutuka igihe yamenyereza Inter Milan.
Ranieri avuga ko:”Mourinho n’umumenyereza mwiza, azi ubwenge, kandi yicisha bugufi.” Ivyashitse ni ivya kera.”
Mourinho yasubiriye Ranieri muri Chelsea mu 2004, ariko aca avuga ko afata uwo mutaliyano nk’umuntu atsindwa cane, imbere y’uko abo babiri batsindwa bose bamenyereza mu Butaliyano.
Uwo mumenyereza wa Man Utd yatsindiye ibikombe bitatu vyose ari muri Inter gushika mu 2010, aho Raniero muri ico kiringo yamenyereje Juventus na Roma.
Ahavuye isanamu, AP
Jose Mourinho yanebaguye Raniero kenshi, avuga ko atsindwa cane
Mourinho yaranebaguye uko Ranieri akora akazi kiwe mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, aho yavuze ko “Asa n’uwufise imyaka 70” kandi afise imyaka 56 gusa, aca anibaza n’uko afise ubushobozi bwo gutwara igikombe.
Ariko Ranieri yavuze ko ivyo vyose ari ivyo muri “kahise” ubu.