Europa League: Man United yatsinze Zorya Luhansk 1-0

Ibrahimovic yatsinze igitego kigira gatandatu kuva ashitse muri Man United Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Ibrahimovic yatsinze igitego kigira gatandatu kuva ashitse muri Man United

Man United batsinze Zorya Luhansk mw’ihiganwa rya Europa League igitego kimwe ku busa.

Zlatan Ibrahimovic ni we yatsinze ico gitego kimwe rukumbi ku munota wa 69, inyuma y’aho Wayne Rooney atereye umupira ugarurwa n’umwamba.

Ni co gitego ca mbere ca Ibrahimovic mu nkino zitanu, kandi ukaba wari ubaye umupira wa mbere Man United yari iteye mw’igori.

Man United ni yo yakinye neza igice kinini c’urwo rukino rwabewreye ku kibuga cabo ca Old Trafford, n’aho vyabaye ngombwa ko Sergio Romero akora akazi gakomeye mu kugarura umupira watewe na Paulino akanya gato imbere y’uko Ibrahimovic yinjiza.

Vyari vyitezwe ko uwo mugwi wiyita “Amashetani atukura”, uvyifatamwo neza muri Europa League, ariko batanguye batsindwa 1-0 n’umugwi wa Feyenoord wo mu Buhollande, mu rukino rwabo rwa mbere.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Rooney akeneye igitego kimwe ngo ashikire ibitego 38 vyinjijwe n'umukinyi Ruud van Nistlerooy muri Man Utd mw'ihiganwa rya Buraya

Ubu rero Man United igira gatatu mu mugwi barimwo, bakaba banganya amanota na Feyenoord, n’inota rimwe inyuma ya Fenerbahce wo muri Turkia, bazoza gukinira ku kibuga Old Trafford itariki 20 z’ukwezi kwa cumi.

United bimirije gukina ku musi w’Imana mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza na Stoke City.