LLB kw'isonga mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Burundi

Abakinyi ba LLB ubu baza kw'isonga mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Burundi
Insiguro y'isanamu,

Abakinyi ba LLB ubu baza kw'isonga mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Burundi

Inyuma y’indwi igira 4 y’ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaguru, LLB yaraye ikuye Athletico kw`isonga imaze gutsinda Messager BJM 3-1.

Umugwi wa Athletico wanganije na Vital’o 1-1.

Inyuma y’intsinzi ya LLB umumenyereza wayo Emmanuel Bankuwiha yavuze ko iyo ntsinzi yaturutse ku bumenyi bw’abakinyi biwe.

“ Iyi ntsinzi ivuye kuri buhinga n’ubumenyi vy’abakinyi banje, n`umukenyuro nakoresheje wo gusatira duciye ku mpande. Twariteguye bikomeye kugira tuzotware igikombe c’ihiganwa ry’uyu mwaka.”

Insiguro y'isanamu,

Vital'o na Atletco banganije 1-1

Mu zindi nkino Ku wa Mungu:

Vital`o – Athletico 1-1

Rusizi FC – BJM City 1-0

LLB-Messager BJM3-1

Ku musi wa gatandatu:

Messager Ngozi –Muzinga 3-1

Musongati –Aigle noir 2-1

Olympic Star-Flambeau de l`Est 1-0

Inter Star-Magara FC 1-0.

Les Lierres- Ngozi City 2-2.

Imigwi ine ya mbere ikurikirana gutya:

1. LLB 12/12

2. Inter Star 12/12

3. Athletico 10/12

4. Aigle noir 7/12.