Serge Aurier yarokoye ubuzima bw'umukinyi wa Mali

Aurier yihutiye gutabara Doumbia aguye hasi ata ubwenge

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Aurier yihutiye gutabara Doumbia aguye hasi ata ubwenge

Umukinyi w’inyuma wa Cote d’Ivoire na Paris Saint Germain, Serge Aurier yashimagijwe inyuma yo ‘kurokora’ ubuzima bw’umukinyi w’inyuma wa Mali, Moussa Doumba ku musi wa gatandatu.

Inyuma y’aho atereye ubwenge asekanye n’umukinyi Lamine Kone wa Sunderland, Aurier yihuse gukwega ururimi rw’uwo mukinyi wa Rostov kugira ntarumire.

Umumenyereza wa Mali, Alain Giresse yongeyeko ko yavuganye na Aurier inyuma y’urukino amushimira ku “gikorwa gikomeye yakoze”.

Cote d’Ivoire yatsinze urwo rukino rwo gukuranamwo rw’igikombe c’isi co mu 2018, ku bitego 3-1 I Bouake.

“Abakinyi bose babonye ko Doumbia yaguye igihumura kandi ko yagira amire ururimi,” uko ni ko Giresse yabwiye iradiyo y’abafaransa RMC.

“Ni ho Aurier, ari kumwe n’umwe mu bakinyi bacu, bihutira kumuryamisha ku rubavu rwiwe baca bakwega ururimi, kuko yaragiye kubura ubuzima.”

Ariko mu nyuma Aurier yashavuje bamwe igihe yereka ikimenyetso co guca izosi abarorerezi inyuma y’igitego ca gatatu.

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE

Insiguro y'isanamu,

Aurier yigeze gutuka umumenyereza wa PSG, Laurent Blanc

Ivyo yakoze bije bikurikira ibindi bitandukanye yagiye arakora muri uyu mwaka.

Mu kwezi kw’icenda, yaraciriwe urubanza rwo gupfungwa amezi abiri azize gukubita inkokora umupolisi, ariko yagumye yidegemvya kuko yunguruje.

Mu kwezi kwa kabiri, yarahagaritswe n’umugwi wa Paris Saint Germain inyuma yo kugaragara avuga imvugo zibiba urwanko, atuka umumenyereza w’ico gihe, Laurent Blanc.