Umumenyereza wa Arsenal avuga kw'amahirwe yo gutwara igikombe ari menshi uno mwaka

Arsenal yatsinze "Premier League" incuro zitatu kuri Arsene Wenger - mu 1998, 2002 na 2004
Image caption Arsenal yatsinze "Premier League" incuro zitatu kuri Arsene Wenger - mu 1998, 2002 na 2004

Avugira mu nama ya bose iba kira mwaka, Wenger afise imyaka 67, yavuze ko umugwi akurikirana uzoshika kuri iyo ntsinzi y'uno mwaka ufise hagati y'amanota 82 na 86.

Yavuze ati: "Uno munsi turi mw'ihiganwa aho imigwi myinshi yifuza gutsinda, ikibanza turimwo kikaba codufasha kugwanira igikombe kurusha uko vyari vyifashe mu myaka itanu canke itandatu iri inyuma."

"Ndemera ko dufise umurwi ushobora guhangana n'iyindi mw'ihiganwa rikomeye cane."

Arsenal ni iya kabiri inyuma y'inkino icenda, umwe mu mirwi ifise amanota 20, ibujijwe ikibanza ca mbere kubera igitigiri c'ibitsindo gusa.

Wenger yavuze ko yibaza kw'ibindi bitsindo 62 mu nkino 29 zisigaye bikwiye kugira ngo baronke intsinzi. Leicester yatwaye igikombe ifise amanota 81 mu mwaka uheze.

"Inyuma y'inkino icenda dufise amanota 20, bisigura ko "championnat" izorangirira hagati y'ibitsindo 82 na 86," uko niko yavuze.

"Ndemera ko umurwi ufise ishaka, ubwiyunge, inyota, ukwifuza n'ubumwe, hamwe n'amahirwe yo kugwanira ihiganwa rya "Premier League."

"Iyo niyo ntego kandi nditwararitse kuyigerako, nitange cane kugira ngo dutsinde mu mpera y'uno mwaka."

Wenger yahimbaje imyaka 20 amaze amenyereza Arsenal mu ntango z'ukwezi kw'icumi, amasezerano y'akazi ("Contrat") arimwo akaba arangirana n'impera y'ihiganwa ry'uno mwaka.

Image caption Arsene Wenger yasubiriye Bruce Rioch avuye kumenyereza imirwi ya Nancy na Monaco yo mu Bufaransa

Uwo mufaransa ntaco yavuze kuri kazoza kiwe-kiretse ko yavuze atebura ko ata yindi myaka 20 agiye gusubira kumara muri uwo murwi-hanyuma nyen'umurwi Sir Chips Keswick akaba nawe nyene atashatse kuvyinjiramwo.

"Twese turazi uruhara Arsene yagize kuri uno murwi muri ino myaka 20 iheze," uko niko Keswick yavuze.

"Turizeye kw'afise ububangutsi bw'ugushobora kutugeza kure.

"Tuzicara turabire hamwe kazoza igihe hazoba hageze ariko muri kino gihe dutegerezwa kuguma twiruka ngo turabe ko twotwara igikombe."